Wednesday, June 7, 2023
HomeTrendingPerezida Ndayishimiye avuga ko yasanze atavyemeza afise kubijanye n’inyuruzwa rya miriyaridi zirenga...

Perezida Ndayishimiye avuga ko yasanze atavyemeza afise kubijanye n’inyuruzwa rya miriyaridi zirenga 54 zo kwubaka urugomero rwa Mpanda.

Inyuma y’umwaka urenga yemereye ukuri abarundi kubanyuruje imiriyaridi zirenga 54 zo kwubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa Mpanda, Umukuru w’igihugu c’uburundi aheruka kumenyesha ko ku vyaha vy’ubunyonyezi yari yatangaje ko vyakozwe atovyemeza ngo abashe kuvyerekana imbere y’ubutungane .

Mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo hari mu mpera z’umwaka wa 2022, Perezida Ndayishimiye yagize ati :”Mpanda navuze nti fata y’uko yariye igiturire , umushize imbere y’intahe yuko indongozi ariyo ijejwe yariye igiturire agaca akubwira ati nariye igiturire kuwa kangahe? cangana iki ?cazanye nde? yakimpereye hehe? Urubanza ntirucibwa n’icabona?ntanuwuzi n’igihe yakimuhereye, Ntawuzi ingene angina, nti wumva y’uko aba agutsinze?”

Mu kwezi kwa Gitugutu 2021 yishikiye ahariko hubakwa urugomero rwa Mpanda, Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye ico gihe yaciye atanga ikiringo kitarenga indwi zibiri ngo babe bamuhaye icegeranyo c’ivyononekaye vyose hamwe n’ababishizemwo uruhara . Ariko amajambo yiwe yahavuye aba amasigara cicaro ndetse agenda ahindagura imvugo zitandukanye kw’iyo dosiye.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...