Tuesday, May 30, 2023
HomeTrending" Mu 480.000Fbu mpembwa, Nisanga natse ideni abagenzi kugira tubeho buri kwezi...

” Mu 480.000Fbu mpembwa, Nisanga natse ideni abagenzi kugira tubeho buri kwezi ah’i Bujumbura”- Umukozi wa Leta aba i Bujumbura.

Ukwo bukeye ukwo bwije, Ubuzima butera buzimba mu gihugu c’uburundi bitewe n’iduga ridasanzwe ry’ibiciro vy’ibifungurwa hamwe n’ibindi vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose bw’abarundi. Abakozi ba Leta mu mishahara yabo bavuga ko ari intica ni nkize baguma barira ko nabone ubuzima bwabazimbanye ndetse bamwe muribo bahitamwo kuza baka amadeni kugira bongereze umushahara baba bahembwe mu ntumbero yo kugira barabe ko botunga imiryango yabo ukwezi kwose, Ibihava bibazanira amatati n’abo baba batse ayo madeni kuko bibagora kuyariha.

Umwe mu bakorera mu rwego rw’ubucamanza mu gisagara ca Bujumbura aratwiganira ukwo we n’umuryango wiwe babayeho:
” Mu misi iheze , narabona ko ata kibazo nzogira co gutungira umuryango mu gisagara ca Bujumbura. Niho naca mfata ingingo yo kurongorera muri zone ya Nyakabiga mu mwaka wa 2016 naho nabona ko umugore wanje ata kazi azoba afise. Ubu mfise abana batatu. Naho ata mukozi mfise canke ngo ngire uyundi muntu wo mu muryango ntunga, Mu 480.000 mpembwa , nisanga natse ideni abagenzi kugira tubeho buri kwezi ah’i Bujumbura kuko mu nzu mpanze hamwe n’ivyo dufungura nsanga bintwara hafi 650.000 Fbu, none ayo arengako ku mushahara aca ava hehe? Ni ugusaba ideni ahashoboka”

Manirakiza Albert aratwiganira kandi ukwo akoresha buri kwezi uburyo bw’amafaranga aronka:
“Inzu ndayiriha 250.000 ni iy’ivyumba bibiri na salon, kugira dufungure ukwezi kwose bintwara 280.000 nahone tuba twinize tugasuma ibifungurwa biciritse vy’abafise amikoro make,facure y’amatara n’amazi , ukugurira amata y’abana birantwara hamwe n’amakara biradutwara 100.000 birenga. Utundi twankenerwa nk’ivyo guterera mu manza,gufasha imiryango yacu twararavye hirya kuko ntitukishoboje gufasha”

Naho biri ukwo, Uwo mukozi wa Leta arafise icizere ko ibihe barimwo bashobora kuzobivamwo hamwe Leta bakorera yohangana n’ikibazo kijanye n’iduga ry’ibiciro mu masoko. M.A abivuga uku :”Umusi Leta yashoboye guhangana n’iki kibazo turimwo c’iduga ry’ibiciro , turizeye ko tuzoba tugire tubivemwo. Aha turayisaba nko kurekurira ibidandazwa mva makungu bikinjira ku bwinshi mu gihugu, ukwiga ukwo amahera y’agaciro yoboneka ku bwinshi mu gihugu hamwe no gukemura ikibazo ca politike abahunze mu mwaka wa 2015 bagahunguka kugira nabone baze guterera mw’iterambere ry’igihugu. Ndazi neza ko kuba bamwe mu ncabwenge ziri mu buhungiro, bitanga isura mbi ku gihugu bigatuma n’abanyamitahe mva makungu baharira ivomo uburundi”

Muri Kigarama 2022, Ariko yishura ikibazo c’umushingamateka yarabajijwe kijanye n’uko nyimba Leta yoshobora gukuraho amakori n’amatagisi ku bidandazwa vy’ibifungurwa kugira bishobore kuzimbuka mu masoko, Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yamenyesheje ko ivy’imburwa arivyo vyonyene vyishingira igiciro ko Leta ataruhara ibifisemwo, akaba yahamagariye abarundi nyabuna gukora cane bakarwiza umwimbu mu gihugu.

Must Read