Ibitaro KIRA bigeze ahatemba. Ivyo bivurwa n’abanyamitahe bigenga bafise umutahe munini muri ivyo bitaromu rwandiko bandikiye kuri uyu wa mbere ubuyobozi bwa KIRA banamenyesha kandi ko umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere . Muri urwo rwandiko, Abo banyamitahe barerekana itunganywa ribi ririko ribera mu bitaro KIRA bagasaba gusubizwa mw’itunganywa ryavyo amazi atararenga inkombe.
Urwandiko bandkiye bandikiye ubuyobozi mfatakibanza bw’ibitaro KIRA, Abigenga bafise umutahe munini ungana n’ibice 6 5%banegura uruhombo ruriko rubera mw’ivyo bitaro kuva muri Ndamukiza umwaka wa 2021 kuva hadutse ibibazo mw’ivyo bitaro. Ivyo abo banyamitahe bashikiriza , barerekana uruhombo be n’ikirutera harimwo ibijanye n’isahurwa ry’ubutunzi bw’ivyo bitaro. Bavuga ko vyibonekereje mw’inyuruzwa ry’amafaranga yo kwagura ibitaro KIRA, gusohora amahera ata nsiguro agahabwa abacuruza batagaragara, kandi ntihaboneke insiguro yerekana ivyaguzwe, kurenzako amahera yageneye kugura ibikoresho hamwe no kudatunganya ugushasha amasezerano y’abahivuriza.
Iruhande y’ivyo, haza kandi ibijanye n’amasezerano yo gukorana n’abandi bantu mu buryo bwamaho bigakorwa n’abaramutswa ivyo bitaro ariko ivy’imfatakibanza.Kubona icegeranyo co gusuzuma ukwo ubutunzi bwifashe ico bwakoze casohowe n’umuhinga muri Gitugutu 2022 kitarashirwa ahabona biturutse ku munyamutahe aserukira Leta arongoye ishirahamwe SOCABU , navyo biri mu binegurwa n’abo banyamitahe bigenga bo muri KIRA HOSPITAL.
Ku bijanye n’abakozi bo muri KIRA biri mu bivurwa n’abo banyamitahe ko biriko biganisha ku ruhombo rw’ivyo bitaro. Aha , banegura ukugenda kw’abakozi bafise ubuhinga bwibonekeza , abakozi batagihembwa ku gihe, ukutaboneka ku kazi kw’abakozi bakenerwa cane hamwe no kutitaho bikwiye itunganywa ryiza ry’ibikorwa, ibikoresho vyahoze bikoreshwa mu mirimo ya misi yose bitagikora muvyo kandi abanyamitahe bigenga bavuga mu rwandiko barungitse kuri uyu wa 9 Nzero 2023, batanga uturorero tw’imoteri zifasha kuronka umuyagankuba “groupe électrogène”mu rurimi rw’igifaransa aho zibiri muri zitatu zihasanzwe hamwe n’ivyuma bibiri bikoreshwa mu gupima indwara bita “scaner”bifise ikibazo bitagikora iruhande y’uko ibice bibiri vya bitatu vy’imiduga y’ibitaro KIRA yapfuye.
Bamaze kwitegereza ivyo vyose, Abanyamitahe bigenga b’ibitaro KIRA baserukiwe n’umuganga Jean-David Perrot kubw’ishirahamwe Swissmed International na Augustin Bazahica aserukira abanyamitahe bandi bigenga bavuga ko icipfuzo cabo ari uko bosubizwa mw’itunganywa ry’ibitaro KIRA amazi atararenga inkombe. Basaba kandi ko umuganga Sahabo Christophe yahoze arongoye ivyo bitaro ko yorekurwa akidegemvya gutya agafasha gusubiza ku murongo ivyo bitaro .
Recent Comments