UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye arababazwa n’uko ‘imbundege’ arizo zama zishirwa imbere mu mabanga ariko abarundi b’intwari bakibagirwa ari navyo ngo bizotuma uburundi budatera imbere.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi arababazwa cane n’uko abantu yise ‘imbundege’aribo bama bashirwa imbere mu mabanga yo kurongora abandi ariko ngo abarundi b’intwari bakibagirwa bitewe n’uko habanje kurabwa ubwoko bwabo kandi bari bashoboye nabo. Perezida Varisito Ndayishimiye aheruka kubivugira muri komine Kiremba mu ntara ya Ngozi.

Varisito Ndayishimiye yagize ati :«Ugasanga kubera ari umutwa ntajaho. Kubera Atari umugore ntajaho. Babandi b’intwari ugaca ubaca ku ruhande, ugaca uzana imbundege ngo ni indongozi. Urazi kwanka kuzana intwari ngo ni kubera umuhoye ubwoko, ukazana imbundege ngo ni kubera ubwoko? Igihugu kizotera imbere gute?»

Naho umukuru w’igihugu c’uburundi avuga gutyo, Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL yamye yidogeye cane intwaro ihari iki gihe irongowe na Perezida Ndayishimiye ko yakumiriye cane abandi barundi batari mu mugambwe aturukamwo. Aha, Rwasa yagumye yibaza ukuntu Leta ihari ubu atawujejwe intwaro n’umwe aturuka muri CNL yashizwemwo kandi uwo mugambwe wari wabaye uwa kabiri mu matora yo mu 2020.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments