UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko umuhanuzi wiwe yamuhanuye kuca Tanzaniya atahutse i Burundi kugutinyira ibihuha vya ‘coup d’Etat’.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi yarahishutse abagumyabanga ba CNDD-FDD bari mu masengesho arangiza ukwezi kwa Nyakanga ko ibihuha vya ‘coup d’Etat’ vyashwaye abarundi bose mbere ngo biranashikira no ku muhanuzi wiwe yahatswe kumutuma afata ingingo mbi.Uwo muhanuzi wiwe akaba ngo yari yamuhanuye kutaza n’indege mu Burundi avuye muri Leta zunze ubumwe za Amerika ko ahubwo yopfuma afata indege imushikana i Tanzaniya maze akaza mu Burundi n’imodoka. Evariste Ndayishimiye akaba ngo yaciye areka gukorera kw’ivyo bihuha. Akaba yibukije abari mw’ayo masengesho ko ata muntu numwe atinya kuko afitaniye amasezerano n’Imana.

Imbere y’isinzi ry’abagumyabanga bari mw’ayo masengesho yabaye kuri uyu wa kane mu ntara ya Gitega, Perezida Ndayishimiye yagize ati :«Abantu bavuga ibintu novuga nti ubuhanuzi bwa shetani ngaha I Burundi, ntibari baziko bariko bahamagarira Imana, Imana ica iratonda kuko aho shetani yameze umugara niho Imana ica itonda nyene (…) jewe narahuye n’ibiteye ubwoba birengeje urugero ndababwire! None nk’umuntu ya traumatije umuntu gushikaho anterefona ngo ndagusavye ngo ntuzoze n’indege , ngo pfuma ufata indege ikujana muri Tanzaniya , nzopfuma nza kukwitorera n’imodoka. Ngo ivyo bambwiye birateye ubwoba »

Varisito Ndayishimiye yarongeye agira ati :« Narababajwe n’umuhanuzi wanje, aho kuja kurondera angirire ‘note d’analyse’ ambwire ukuri agashaka ku kunkubita ibihuha ngo mfate ingingo mbi»

Perezida Varisito Ndayishimiye akaba yabwiye abagumyabanga bari mw’ayo masengesho ko umuntu wese ashaka kumutera ubwoba ,ngo yoreka kwiruhisha kuko arikumwe n’Imana. Ayo majambo Perezida Ndayishimiye yayashikirije inyuma y’amakuru y’ibihuha yagiye aratangwa avuga ko hari umugambi uriko urategurwa wo kumuhirika ku butegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments