UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ngibi ivyo Leta isabwa kugirango ntizosubire gusaba infashanyo mu makungu!

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c’uburundi coba kiri mu bihugu vya mbere vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko EAC gifise abarundi benshi bari ku mugabane wa buraya ndetse n’ahandi. Nkuko tubibona mu bindi bihugu biri muri EAC na cane cane mu gihugu ca Kenya, Abanyagihugu baturuka mw’ico gihugu baba mu bihugu vya buraya, Amerika, Aziya baramaze igihe bishimira ku ntambwe ikomeye bamaze gukorera igihugu cabo mu kugiteza imbere. Aha twovuga nko mu mwaka wa 2022, Amafaranga mvamakungu yinjiye mu gihugu atanzwe n’abo banye kenya baba hanze y’igihugu yangana na miriyaridi 4,027 z’amadorare. Ni amafaranga yasumbije kure ku mafaranga Leta ihora ikura mu bidandazwa njabuka mazi ishorera hanze nk’icayi, ikawa, n’ibindi nkuko vyatangajwe n’ibanki nkuru yo mu gihugu ca kenya. Mu Burundi iwacu, hoho siko bimeze kuko igihugu kimaze igihe kibura amafaranga y’agaciro ku rugero rudasanzwe. Umuntu agaca yibaza ico abarundi bari mu bindi bihugu bariko bafasha igihugu kugira ayo mafaranga mvamakungu akoreshwa cane mu gihugu agume aboneka ku rugero rushimishije. Mbega ni igiki kiriko kituma abarundi bari za buraya n’ahandi batafasha ku bwinshi igihugu cabibarutse nkuko bagenzi babo muri Kenya n’ahandi babikora ?

Umwe mu barundi aba mu gihugu ca Suède ariko atashimye ko tumuvuga izina araduha imvo nyinshi zituma bagenzi we b’aba diaspora batumva bafise ishaka ryo guterera mw’iterambere ry’igihugu. Aha, agata amakosa kuri Leta y’uburundi kuba ariyo yabigizemwo uruhara kugira abo barundi bumve bokwihojeje ivyo guterera umuganda igihugu cabo cabibarutse.

1.Umuco muke mu bijanye n’uko Leta ikoresha amafaranga y’igihugu.

Uwo murundi twise izina rya Manirakiza Theodore (M.T)asigura ko abarundi benshi bari mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi bataye icizere kuri Leta y’uburundi bitewe n’uko hibonekeza igipfungu mu bijanye n’uko Leta igenda ikoresha amafaranga yagenewe imigambi y’iterambere. Aha uwo murundi akatanga akarorero ku mfashanyo nyishi Leta y’uburundi yahawe kuva mu 2005 kugira igihugu ciyubake inyuma y’ibihe vyo mu ntambara cari kivuyemwo.Kubwiwe, ngo ayo mafaranga biraboneka ko yanyurujwe maze ntakoreshwe ico yategerezwa gukora. Ikindi M.T avuga ngo nuko Leta aho gushira amafaranga menshi mu bisata vyozanira umusaruro igihugu ahubwo yihutira kuyashira mu bindi biteza imbere abategetsi gusa. «Wofashije woretse , urumva ko intererano zotangwa n’abo barundi ataco zoza gufasha mu gihe igihugu cubatswe gutyo» niko M.T abandanya ashimangira.

2.Indyane za politike zo mu 2015.

Kuva mu mwaka 2015 aho hadukiye indyane za politike zitewe no kwitoreza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza, M.T avuga Abarundi batari bake bari mu bihugu vyo hanze barakwirikiranye cane kuvyariko bibera mu Burundi ico gihe. Kuri bamwe bahora barungika amafaranga menshi mu gihugu kugira bakore imigambi yabo ngo baciye bahitamwo kuyihagarika bitewe n’uko igihugu cari mu bihe bitoroshe vy’umutekano. Ngo hari na bamwe mu barundi ico gihe babajwe n’uko ababo basigaye mu gihugu bagiye bahohoterwa abandi bicwa n’inzego z’umutekano. «Unyiciye uwanje ataco azize kandi akicwa n’abari mu nzego za Leta, wumva iyo Leta nosubira kuyiha urwere nka subira kuyikunda? Benshi mw’abo ba diaspora bahitamwo kurungika ama Euro canke amadorare mu bihugu bibanyi vy’uburundi maze akashikira incuti zabo avuye mw’ivyo bihugu bibanyi yavunjishijwe, uribaza bagahitamwo guteza imbere ibindi bihugu bibanyi?»

3.Bamwe mw’abo barundi harabo Leta yita abansi b’igihugu kandi nabone boterereye igihugu.

Mu barundi bari mu bihugu vya buraya , Amerika, Canada, Aziya eka no muri Afrika, bari mu bice bibiri: umurwi wa mbere ugizwe n’abarundi bagiye mw’ivyo bihugu kubwo gukorayo akazi, bagiye kwigayo mu nyuma bagaca biberayo ndetse hari n’abahabwa ubwenegihugu bwo kuba mu bihugu vyabakiriye. Umurwi wa kabiri nawo ugizwe n’abarundi baje kusaba ubuhungiro bahunze intwaro za kera hamwe n’abahunzwe ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD kuva buje mu mwaka wa 2005 gushika iki gihe. Uwo murundi aba mu gihugu ca suède adusigurira ko Leta ihari iki gihe mu Burundi hariho aba diaspora yemera n’abandi ifata nk’abansi b’igihugu. Aha, kubwiwe, ngo Leta yari kuba umuvyeyi wa bose ikiga ingene yonywanisha abo barundi bose. «Mu bindi bihugu vya Afrika biciye akenge biramaze kumenya akamaro k’aba diaspora, birazi ama devises bihungukira yinjijwe n’abo. Ego twarumvise ishirahamwe rya diaspora Ndundi ariko abarigize turazi ko ari abanywanyi ba CNDD-FDD gusa nabo ni bake cane. Vyobaye vyiza hamwe twese dukoreye hamwe kugira duteze imbere umuvyeyi wacu ariwe Buurundi».

Mu kurangiza, M.T arababazwa no kubona amafaranga y’agaciro aguma abura mu gihugu c’uburundi kandi nyene ico gihugu gifise aba diaspora benshi mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi. Agahamagarira Leta y’uburundi kwitaho abo ba diaspora kuko ni ubutunzi bukomeye ku gihugu. M.T agira ati :«Leta hamwe yoha agaciro abarundi bose bari za buraya n’ahandi, ndazi neza ko itokwigera ibura ama devises ndetse nta mfashanyo yoba igisaba mu makungu. Leta ndayisabe ikore ibishoboka vyose mu kwitaho urwego rw’aba diaspora kuko turazi neza ko urwo rwego rufasha Leta bigashimwa yaba mu bikorwa vy’iterambere canke mu kurwiza amafaranga mvamakungu mu gihugu»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments