Hoba hariho umugambi ugayitse wateguwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD wo kugandagura umukuru w’umugambwe CNL. Ivyo bishikirizwa na Aimé MAGERA aserukira uwo mugambwe ku mugabane wa buraya, aho yemeza ko ico gikorwa cahawe umusirikare w’intwazangabo Lt.Col. Basogomba Egide batazira ‘Love’ agitumwe na bamwe mu bihangange birongoye igihugu.

Aimé MAGERA yabwiye radiyo RPA ati:«Mu makuru turonka ava mu gisirikare na cane cane mu biro bikuru vya gisirikare , hariho amakuru atwemeza yuko hari umugambi ugayitse, umugambi mubi wateguwe n’ubutegetsi wo kugandagura RWASA, Nyakubahwa umukuru w’umugambwe CNL. Amakuru atumenyesha yuko ico gikorwa kigayitse cahawe umusirikare yitwa Lt.Col. Basogomba Egide batazira’Love’. Kuri uyu wa gatandatu akaba yakoranije bamwe mu biyonkoye ku mugambwe CNL abamenyesha ico gikorwa ukuntu giteguwe»
Uwo aserukira CNL mu bihugu vya buraya avuga ko intwazangabo Egide Basogomba yamenyesheje abari mw’iyo nama ko afise abarwanyi yamaze gushira mu gihugu ca Congo bazomufasha muri uwo mugambi. Uwo mugambi ngo wateguwe n’abategetsi bakuru b’igihugu nkuko bibandanya vyemezwa na MAGERA.
Aimé MAGERA agabisha umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye ko hamwe Agathon RWASA yogira ico aba, ko abo bafashanije kurongora igihugu bazoca babaga bifasha.
Recent Comments