Umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame yaraye atangaje ko igihugu arongoye cakuyeho Visa k’umunyafrika wese yipfuza kuja mu gihugu c’urwanda. Perezida Paul Kagame yaraye abitangaje kuri uyu wa kane mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’abamukerarugendo iriko ibera mu gisagara ca Kigali, mu Rwanda.
Ariko atanguza ibikorwa vy’iyo nama, Perezida Paul Kagame yagize ati :«Buri mu nyafurika wese, ashobora kwinjira mu ndege ije mu Rwanda, igihe cose abishakiye kandi ntaco azobazwa kugira ngo yinjire mu gihugu cacu»
Ivyo Perezida Paul Kagame abitangaje inyuma yaho mugenziwe wa Kenya, Perezida William Ruto atangarije ko igihugu ciwe kuva mu mpera z’uy’umwaka turimwo ata munyafrika n’umwe azosabwa Visa ariko yinjira mu gihugu ca Kenya. William Ruto yabitangarije mu nama ijanye n’ivy’amashamba yabereye i Brazaville mu gihugu ca Congo hari mu ndwi iheze.
Recent Comments