UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko hari abantu basigara baramwidogera, bamutera ubwoba bongera bamuvuma iyo afashe ingendo mu mahanga.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga ko hari abantu basigara baramwidogera bongera bamuvuma iyo afashe urugendo rumushikana mu bindi bihugu agiye guserukira uburundi. Kubwa Perezida Ndayishimiye ngo abo basigara baramuvuma, bamwidogera canke bamutera ubwoba boreka kwiruhisha kuko ashigikiwe n’Imana.

Mu masengesho yaraye abereye mu ntara ya Gitega yama atunganywa n’umugambwe CNDD-FDD buri musi wa kane wanyuma urangiza ukwezi , Perezida Ndayishimiye ari nawe arongoye inama y’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD yagize ati :«Ndafata urugendo ngiye guserukira abarundi bo banshize imbere ariko hari abasigara baranyidogera kumbe bakibagira ko Imana ariyo mwungere wanje. Abamvuma canke bakantera ubwoba ni bareke kwiruhisha kuko Abamarayika baba bankikije».

Mw’ayo masengesho, Perezida Ndayishimiye akaba yongeye gusubira guhumuriza abarundi ko naho hoza ibihuha canke ibindi bibahungabanya imitima, ntikazobakura kw’isezerano bafitaiye n’Imana kuko ngo bayishize imbere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments