UBM News ads UBM News ads
Sunday, June 16, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igisirikare c’uburundi kimenyesha ko congereje inguvu zaco ku mipaka yaco ihana urubibe n’igihugu c’u Rwanda kugira kizokwivune hamwe u Rwanda rwobatera

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w,ukwivuna abansi mu Burundi aremeza ko igisirikare arongoye congoreje inguvu zaco n’ibikoresho vy’intanbara ku mipaka yose uburundi buhana n’igihugu c’urwanda.umushikiranganji wo kwivuna abansi Alain Tribert Mutabazi yaraye abitangaje mu gihe yariko ashikiriza ivyo ubwo bushikiranganji arongoye bwaranguye mu gice ca kabiri c’umwaka uheze.

kubw’inkuru dukesha i radiyo ijwi ry’amerika, uwo mushikiranganji akaba yamenyesheje ko ari mu ntumbero yo gucungera umwansi kandi ko bamwiteguriye kumurwanya.kubwo amasoko y’iyo radiyo avuga ko ibintu vyatanguye guhinduka muri izo ntara zegereye umupaka w’u Rwanda,igihe uburundi bwugara imipaka mu ntango z’uku kwezi guheze kwa mbere.igihugu c’uburundi cagirije u Rwanda ko rubitse abaza guhungubanya umutekano mu Burundi aho u Rwanda na rwo rwavyiyamirije.

Ivyo bibaye mu gihe umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame nawe mu nama y’umutekano yahuje inzego zitandukanye za reta harimwo n’iza gisirikare yabaye mu ndwi iheze ,yatangaje ko nawe yiteguye gukingira igihugu arongoye,yaragabishije ko uwuzohirahira akarengana imbibe z’u Rwanda azokwibonerako.Aho n’inyuma yaho umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste Ndayishimiye nawe yari amaze kuvugira i Kinshasa ku murwa mukuru w’igihugu ca Kongo kurwanya uwo yise “umwansi basangiye”.

Si irya mbere ku mbibe igihugu c’uburundi gihana n’u Rwanda hashirwa ibirwaganisho vya rutura.vyaheruka inyuma y’indyane za poritike zo mu mwaka wa 2015 mu Burundi,aho igihugu c’uburundi cagirije u Rwanda ko hari ibitero vyavuye mu Rwanda bigahitana abarundi mu ntara za kayanza na Cibitoke.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments