Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunziPerezida Ndayishimiye avuga ko amaganga y’inkwavu ashobora gutorera umuti w’ikena ry’amafaranga y’agaciro...

Perezida Ndayishimiye avuga ko amaganga y’inkwavu ashobora gutorera umuti w’ikena ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi.

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko amaganga y’inkwavu ashobora gutorera umuti w’ikena ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi. Perezida Ndayishimiye akavuga ko afise umurundi aba mu mahanga yamubwiye ko ayo maganga y’inkwavu yoshorwa hanze y’igihugu, uburundi bwoba busezeye ikena ry’amafaranga y’agaciro amaze igihe abura. Uwurongoye uburundi yabivugiye mu kiganiro aheruka kugirana na mugenzi wacu umumenyeshamakuru Jerôme Niyonzima. Ico kiganiro cari gihagaze ku butunzi bw’igihugu cabereye mu ndwi iheze ku kirimba c’umukuru w’igihugu kiri ku murwa mukuru w’ubutunzi,i Bujumbura.

“Nkubu hariho umuntu aheruka kumbwira neza, ni umurundi aba hanze yambwiye ati :amaganga y’inkwavu mwoyashora hanze , ubunyene amadorare mwirirwa muravuga mwebwe murabuze , mwoca muyabona ngaha!” Niko Umukuru w’igihugu c’uburundi avuga.

Arongera ati :”Nsiniriwe ndamubaza ngo ni hehe noshorera, ndavuga nti reka mbanze ngumye iryo banga. Mbega aho ndayashorera hanze, nce ndondera ico bayakoza hanze kuberiki ntogikorera ngaha I Burundi kugira ngo iyo nyungu ivuye muri ayo maganga ize icibe arivyo nshora hanze kuko nivyo usanga bizimvye”

Naho perezida Ndayishimiye avuga ukwo, abize ivy’ubutunzi bobo sikwo babibona. Kubwabo, nuko ngo igihugu c’uburundi cokora ibi bikurikira kugira amafaranga y’agaciro asubire kuboneka ku bwinshi mu gihugu, navyo ni ibi: Ugushorera hanze ibiterwa njabukamazi vyinshi, uguteza imbere igisata c’abamukerarugendo hamwe n’uko abanyamitahe mvamakungu boza ku bwinshi gukorera imigambi yabo mu Burundi.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...