UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi isabwa kwaka ibirwanisho imbonerakure no kuzisubiza mu buzima busanzwe gushika 2028 (The Global centre for the responsibility to protect).

UBM News ads

Leta y’uburundi ngo ikwiye kuzoba yatse ibirwanisho kandi yasubije mu buzima busanzwe urwaruka rw’imbonerakure gushika mu mwaka w’2028 aho hategekanywa isuzumwa rishasha ku Burundi ku bijanye n’agateka kazina muntu kw’isi. Ivyo ni bimwe mu bisabwa n’ikigo The Global Centre for the responsibility to Protect mu rwandiko ruzoshikirizwa Leta y’uburundi mw’isuzumwa rizoba kuwa 4 Rusama 2023.

Ikindi ico kigo gisaba Leta y’uburundi , ni irekurwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu bose, umwidegemvyo w’abamenyeshamakuru hamwe n’abafungiwe imvo za politike .

Ikindi The Global centre for the responsibility to protect isaba , ni itunganywa ry’ibiganiro bidakumira birimwo Leta y’uburundi , amashirahamwe yigenga hamwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Igipolisi n’urwego rw’iperereza ngo bikwiye gusubirwamwo kuko ari inzego zagirijwe gukora amabi y’agahomerabunwa n’umurwi wa ONU warujejwe amatohoza mu Burundi.

Ico kigo kandi gisaba Leta y’uburundi kwemerera umuhinga wa ONU w’agateka ka zina muntu gukorera ku butaka bw’uburundi hamwe no kwemera gukorana n’ibisata vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu .
The Global Centre for the responsibility to protect isaba ubutegetsi bwa Gitega kugira amatohoza yimbitse kandi yigenga ku bijanye no gupfungira ubusa abanyagihugu, kubaboreza igufa , kubanyuruza , ubwicanyi ndengerabutungane hamwe n’ibindi vyaba vyose bibuza abanyagihugu umwidegemvyo n’umutekano.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments