Abarundi baba umumiriyoni n’igice nibo bitegekanijwe ko bazoba bakeneye imfashanyo muri uy’umwaka wa 2023. Itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryishinze gutunganya imfashanyo OCHA rivuga ko mu nteguro bakoreye hamwe na Leta y’uburundi basanze kugira baje gufasha abo bantu bose hakenewe imiriyoni zirenga 194 z’amadorare. Mu gihe rero hatoboneka abagiraneza bafasha mu kuja gutanga ayo mafaranga akenewe , iryo tangazoryasohowe kuri uyu wa mbere , rivuga ko ubuzima bw’abarundi batari bake bwoja mu kaga.
Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa 3 Ndamukiza 2023 n’ikigo OCHA, nuko hakenewe imiriyoni 194 n’ibihumbi amajana abiri z’amadorare y’abanyamerika. Ayo mafaranga yasabwe rero nkuko iryo tangazo ribivuga , azofasha kwitaho abarundi bangana umumiriyoni n’ibihumbi amajana atanu barimwo umumiriyoni n’ibihumbi ijana ukeneye imfashanyo yihuta.
Kubw’iryo tangazo rero, ukwegeranya izo mfashanyo ngo biracari ibibazo. Ngo mu gihe rero izo mfashanyo zitoboneka, itangazo rya OCHA rigabisha ko ingaruka zishobora kuba mbi cane kuko abanyagihugu batari bake bosanga bafise ibibazo bivuye kw’ihindagurika ry’ibirere , ku ndwara no ku bindi bisabwa ko bakingirwa. Vyongeye, OCHA ivuga ko vyogabanya ibikorwa vyo guhungura impunzi no kuzifasha guhangana n’ubuzima.
Ivyo kandi kubw’iryo tangazo vyotuma bigorana no guhangana n’indwara z’ibiza bikenewe kwihuta mu kuzirwanya mu gihe amazi meza atoba ariko araboneka eka mbere n’ibikorwa vy’isuku bidashoboka.
Recent Comments