Sunday, September 25, 2022
HomeNewsIngabo z'uburundi zigeze hafi k'umusozo w'imyiteguro yo kuja kugarukana amahoro n'umutekano muri...

Ingabo z’uburundi zigeze hafi k’umusozo w’imyiteguro yo kuja kugarukana amahoro n’umutekano muri Congo (Alain-Tribert Mutabazi)

Imyiteguro y’abasirikare b’abarundi yo kuja gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo , ku rwego rw’akarere ka EAC , ngo igeze ku bice 90 kw’ijana  kugira bitabe akamo batewe. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba mu kiganiro yatanze ashikiriza ivyaranguwe mu gice ca kane c’umwaka wa 2021 ushira uwa 2022.Image

Mw’ico kiganiro, Alain-Tribert Mutabazi yongeye arahakana ko ata abasirikare b’uburundi bari ku butaka bwa Congo kuko kubwiwe ngo abasirikare b’uburundi mukuja mu bindi bihugu bagenda hisunzwe amasezerano aba ari hagati y’ibihugu canke amasezerano yo mu karere.

Tubamenyeshe ko mu nama yabaye y’abakuru b’ibihugu bigize EAC yabereye mu gisagara ca Arusha mu ndwi iheze ,hasabwe n’abo bakuru b’ibihugu bigize uwo muryango ko ibihugu vyemeye kurungika ingabo muri Congo ko bobikora vuba.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...