Thursday, December 1, 2022
HomeUmutekanoIgipolisi c’uburundi kivuga ko catoye umumenyeshamakuru Jérémie MISAGO.

Igipolisi c’uburundi kivuga ko catoye umumenyeshamakuru Jérémie MISAGO.

Ubushikiranganji bw’umutekano bwatangaje mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri ko bwatoye ahari umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU ,Jéremie MISAGO yari yabuzwe irengero kuva kuwa gatandatu w’indwi iheze. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko bwatoye MISAGO kuri uyu wa mbere ahitwa i Magara mu ntara ya Rumonge aho ngo yari yajanye gusenga n’abandi.

Bubicishije ku rubuga rwa Twitter, Ubwo bushikirangaji bwatangaje buti :”Umumenyeshamakuru Jérémie MISAGO yatangajwe ˈko yabuzwe irengero kuva kuwa gatandatuˈn’ikinyamakuru akorera IWACU, yaratowe n’igipolisi kuri uyu wa mbere . Akaba yari yagiye ˈgusengera mu misozi y’I Magara mu ntara ya Rumonge ajanye n’abandiˈ”

Kuri uyu wa mbere, Biboneka ko arushe cane, anafise ibikomere mu maso ndetse biboneka ko hariho uwundi muntu amuhagaze iruhande yoba ariwe yamubwira ivyo avuga, MISAGO Jérémie yarungikiye kuri uyu wa mbere ubutumwa bwa ˈvideoˈ umuryango wiwe hamwe n’abagenzi biwe bakorana ba IWACU aho yabamenyesheje ko akomeye gusa atazi nawene ikibanza arimwo ko agiye gusubira kuboneka , akabasaba gutekana

Tubamenyeshe ko Umumenyeshamakuru Jérémie MISAGO yabuzwe irengero mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu . Abagenzi biwe bagumye bamurindiriye hagati mu gisagara ca Bujumbura ngo badugane ruguru iwabo muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba kugira aje kwerekana umukunzi wiwe bimirije kwubakana.

Must Read