UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga Gabriel Rufyiri ko ari mu barundi bafise ivyiyumviro biboze.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yihaniza Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME kutoza anegura imigambi yo kurwanya ubukene n’inzara ariko akora. Kubwa Perezida Ndayishimiye, ngo Rufyiri aguma yiyicariye mu gisagara ca Bujumbura akaguma yumviriza insaku aho kuja gukora nk’abandi barundi mu kurwanya ubukene n’inzara. Uwo arongoye uburundi akaba yise Gabriel Rufyiri ko ari mu barundi bafise ivyiyumviro biboze kuko bitari ku gihe perezida Ndayishimiye n’abandi barundi avuga ko bagezeko.

Imbere y’urwaruka isinzi rwari rukoraniye mu nama yabahuje ku murwa mukuru w’intara ya Gitega mu ndwi iheze, Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito yarifatiye mu gahanga uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abarya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta ku kuntu amusaba kumanura ibiciro vy’ibiribwa kandi we ataco ariko akora aguma yibereye mu gisagara ca Burundi. Perezida Ndayishimiye yagize ati :”…Muga nkubu uza wumva nk’umuntu yitwa Rufyiri , ngo umukuru w’igihugu manura ibeyi y’ibitoki yiyicariye he? I Bujumbura. Wamubaza uti wewe ufise umurima ungana iki? Ntagira namba! wamubaza uti ufise inkwavu zingahe? ntagira namba!arindiriye ko jewe ndima nce ndamushira arye ngo manura ibeyi . niyumvirize ingene biruhisa. Hariho abantu biyicariye ngaho bari muvyiyumviro vya kera nta nazi niyo tugeze muga yiyicariye i Bujumbura aracari mu mwaka w’1990 twe natwe turi 2023″

Perezida Ndayishimiye yarongeyeko ati :”… none nk’umuntu avuga ngo umukozi wa Leta ntaze adandaze ikintu na kimwe avuze birya biraya ndabitange ku buntu ngo nsindabidandaze? Avuze ngo amata nkama nsinze ndayadandaze? Nce ndayasesa, ngire gute? Ndayamushire yinywere? (…) Abo Bafise ivyiyumviro biboze muze rero rwaruka tubaveko twibere mu 2023″

Tubamenyeshe ko uwurongoye OLUCOME akaba amaze imisi yiyamiriza abategetsi baja mu rudadandazwa canke kwikorera utwabo kandi ibwirizwashingiro ry’uburundi ritabibarekurira, ibituma haca hibonekeza iduga ry’ibiciro rya bimwe mu bidandazwa ku masoko aba ari ayabo. Gabriel Rufyiri akaba kandi yariyamirije ivy’intangwa ry’amasoko ya Leta ku bantu bamwe bamwe kandi ata mahiganwa abaye. Ibiza kurangira bisubije igihugu mu bukene budasanzwe kuko abo bantu ngo atacitwa ikori baza bariha muri Leta.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments