UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umunyepolitike Jérémie MINANI avuga ko amazina y’abazoba bagize Leta y’abatavuga rumwe agiye gushirwa ahabona vuba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Haraciye ikiringo c’imisi indwi hatangajwe ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD bari mu buhungiro bagiye gushiraho Leta yabo izoba ibangabanganywe n’intwaro ihari iki gihe mu Burundi. Intumbero y’iyo Leta y’abatavuga rumwe ikazoba ngo ari ukugira itorere umuti ingorane intwaro y’umugambwe CNDD-FDD yazanye mu gihugu c’uburundi. Abazoba bagize iyo Leta nshasha y’abatavuga rumwe bagiye bagiye gutangazwa vuba nkuko vyaraye bitangajwe n’umunyepolitike Jérémie Minani asanzwe ari mu bateye umukono ku rwandiko rumenyesha ishirwaho ry’iyo Leta y’abatavuga rumwe izokorera mu buhungiro.

“…rero, Abagize iyo Leta nkuko Leta zikorera mu buhungiro zikora, bazoja ahabona abashobora kuja ahabona cane cane abari mu buhungiro. Mugabo, hariho abazoja ahabona kubera ko umutekano wabo utoba woroherejwe na cane cane abari hagati mu gihugu canke aboba bari mu micungararo y’igihugu” Bivurwa na Yeremiya Minani yari umutumire mu kiganiro “Duhane Ijambo”kibera ku mbuga ngurukanabumenyi cabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Ntwarante 2023.

Kuwa 20 Ntwarante 2023, Yeremiya Minani yatangaje ko kubera ko ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD bwanse kuganira n’abatavuga rumwe nabwo kugira baronderere hamwe umuti w’ikibazo c’indyane ziri mu Burundi, ko rero bagire bashinge Leta mfatakibanza izokorera mu buhungiro kugira “abatavuga rumwe na Leta bigarurira ubutegetsi bwose, gutyo babone gutorera umuti ingorane intwaro y’umugambwe CNDD-FDD yazanye mu Burundi”.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments