Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunziIkigega FMI cahaye uburundi ingurane ya miriyoni irenga 260 z’amadorare kugira ubutunzi...

Ikigega FMI cahaye uburundi ingurane ya miriyoni irenga 260 z’amadorare kugira ubutunzi bw’igihugu buzamuke.

Ikigega mpuzamakungu FMI caraye gihaye igihugu c’uburundi ingurane ingana n’amadorare y’abanyamerika imiriyoni 261,7. Iyo ngurane ikaba itanzwe mu gihe uburundi bwari bumaze imisi mu bukene bw’amafaranga y’agaciro.

Nkuko tubisoma ku rubuga rw’ibanki nkuru y’igihugu BRB, Amasezerano yo guha iyo ngurane ku Burundi yemerejwe mu nama zihuza abahinga b’ikigega FMI, Intumwa z’uburundi hamwe n’abahinga b’ibanki y’isi ziriko zibera i Washington DC, muri Leta Zunze ubumwe za Amerika.

Iyo ngurane ngo ikazofasha igihugu c’uburundi mu mezi 40 ari imbere mu migambi yo kuzamura ubutunzi bw’igihugu. Ubutunzi bugeze ahatemba nkuko ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’ubutunzi bivyerekana.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...