Ikigega mpuzamakungu FMI caraye gihaye igihugu c’uburundi ingurane ingana n’amadorare y’abanyamerika imiriyoni 261,7. Iyo ngurane ikaba itanzwe mu gihe uburundi bwari bumaze imisi mu bukene bw’amafaranga y’agaciro.
Nkuko tubisoma ku rubuga rw’ibanki nkuru y’igihugu BRB, Amasezerano yo guha iyo ngurane ku Burundi yemerejwe mu nama zihuza abahinga b’ikigega FMI, Intumwa z’uburundi hamwe n’abahinga b’ibanki y’isi ziriko zibera i Washington DC, muri Leta Zunze ubumwe za Amerika.
Iyo ngurane ngo ikazofasha igihugu c’uburundi mu mezi 40 ari imbere mu migambi yo kuzamura ubutunzi bw’igihugu. Ubutunzi bugeze ahatemba nkuko ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’ubutunzi bivyerekana.