Monday, March 27, 2023
HomeNewsPerezida Ndayishimiye asigura ko ikena ry'igitoro riguma ryibonekeza riterwa n'amahera y'agaciro atayariho...

Perezida Ndayishimiye asigura ko ikena ry’igitoro riguma ryibonekeza riterwa n’amahera y’agaciro atayariho mu gihugu.

Umukuru w’igihugu c’uburundi , Varisito Ndayishimiye asigura ko ikena ry’igitoro riguma ryibonekeza riterwa n’amahera y’agaciro ari make mu gihugu. Kubwiwe, akamenyesha ko imiduga n’ibindi bintu bikenera igitoro vyarwiriye mu gihe ata mafaranga y’agaciro ariho mu gihugu. Varisito Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.Image

Perezida Ndayishimiye arongera ko  ati:« Ibitoro turonka bingana n’amafaranga dufise».  Agahamagarira abarundi gushora  ibidandazwa vyinshi hanze y’igihugu kugira amafaranga y’agaciro aboneke.

Uwo aramutswa uburundi iki gihe aranegura ubutare bwimbwa mu gihugu bwofashije kuzana amafaranga y’agaciro bwama bushorwa hanze ariko amafaranga y’agaciro bwinjije ntaboneke . Akemeza ko arico gituma yategetse gushiraho poritike ijanye no gucukura ubutare  imbere yuko hashirwaho itegeko ribigenga.

 

Must Read