Umukuru w’igihugu c’uburundi , Varisito Ndayishimiye asigura ko ikena ry’igitoro riguma ryibonekeza riterwa n’amahera y’agaciro ari make mu gihugu. Kubwiwe, akamenyesha ko imiduga n’ibindi bintu bikenera igitoro vyarwiriye mu gihe ata mafaranga y’agaciro ariho mu gihugu. Varisito Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
Perezida Ndayishimiye arongera ko ati:« Ibitoro turonka bingana n’amafaranga dufise». Agahamagarira abarundi gushora ibidandazwa vyinshi hanze y’igihugu kugira amafaranga y’agaciro aboneke.
Uwo aramutswa uburundi iki gihe aranegura ubutare bwimbwa mu gihugu bwofashije kuzana amafaranga y’agaciro bwama bushorwa hanze ariko amafaranga y’agaciro bwinjije ntaboneke . Akemeza ko arico gituma yategetse gushiraho poritike ijanye no gucukura ubutare imbere yuko hashirwaho itegeko ribigenga.