Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye asigura ko abavuga ko abarundi bashonje iki gihe ari ibigugu ko kandi bakoreshwa na shetani. Perezida Ndayishimiye yabivugiye kuri uyu wa gatandatu muri komine Mishiha, mu ntara ya Cankuzo igihe yari yagiye kwifadikanya n’abanyagihugu mu bikorwa vyo kwubaka isoko ya Kijambere iri ku mutumba w’iyo komine.
Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati :
“…umugabo yicaye harya i Bujumbura akagenda ngo ntiza iradiyo ndabivuge abarundi barapfuye barishwe n’inzara aho n’icendajuru ntahazi, aha i Mishiha mpagaze ndababwije ukuri urya mugabo yabivuze aha ntahazi!… abantu kubera babaye ibigugu, iyo shetani iyo dayimoni , baca bashaka ubwo bujuju bwabo babwandukize abandi benegihugu. Umuntu azoza akubwira ko uri umukene kandi uziko wewe utunze…. Urazomubwira uti toka Shetani!
Uwo arongoye uburundi iki gihe akaba kandi yabwiye abanyagihugu bo muri komine Mishiha ko badakwiye kwidoga ko bataronka amadorare ku mwaka kuko basanzwe batayakoresha ikintu na kimwe.
“…ukaza wumva ariko aravugira kw’iradiyo abwira umwenegihugu w’I Mishiha , ngo ubukene buratwishe ngo kuko nta munya Mishiha aronka amadorare 425 ku mwaka. Ariko murumva ico kijuju ga yemwe?..Uw’icendajuru ayo madorare ayakoresha iki?” Niko Perezida Ndayishimiye yabandanije avuga.
Umwe mu bize ivy’ubutunzi atashimye kuvuga izina ryiwe ku mvo z’umutekano wiwe twavuganye, asigura ko amajambo amaze imisi ashikirizwa na Perezida Ndayishimiye ku bijanye n’inzara n’ubukene biri mu gihugu ari aya politike kuko ataho ahuriye n’ukuri kuriko kubonwa na bose.
Agira ati :”arazi neza ko amadorari ya Amerika ariyo isi yose ikoresha mu kuja kugura ibitoro, imiti, umwavu w’ikizungu, n’ibindi n’ibindi,… none raba Varisito Ndayishimiye arabihakana abizi neza. Ikindi, Ibanki y’isi, za FMI baguma basohora ivyegeranyo bishira uburundi imbere mu bihugu bikenye kuruta ibindi kw’isi, ni ukuvuga ko Ndayishimiye atabisoma canke atabizi? Irya ni imvugo ya politike ariko akoresha mukwibagiza abanyagihugu ibihe bigoye barimwo muvy’ubutunzi”