Umukuru w’igihugu c’uburundi asaba abarundi guhaguruka bakamufasha kurwana intambara y’ubutungane n’ubutunzi. Akabasaba kudomako urutoke kuri abo bose bigira ibihangange ntibubahirize amategeko. Perezida Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa gatatu igihe yaganuka avuye mu rugendo yahoramwo mu bihugu vy’uburusiya n’ubushinwa.
Mw’ijambo ryiwe, Perezida Varisito Ndayishimiye akaba yasezeraniye abarundi ko agiye guhangana n’ako karwi k’abantu kadashika n’ijana , agasaba abarundi ku mufasha kugira igenekerezo rya mbere Nzero 2024 rizoshike atawucigira igihangange. Akemeza ko igihugu cigize iyindi sura muri iyo ntambara mu bijanye n’ubutunzi n’ubutungane.
Perezida Ndayishimiye akaba yagabishije abajejwe intwaro bica amatwi ko abazogaba hari abandi mu barundi bumva umugambi azoca atuma bakabasubirira.
Recent Comments