UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

«Iyo menya ko nje gushikira mw’ubu buzima nk’ubw’abacakara, nari kwigumira iwacu kuko nararya nka ryama» bivurwa n’umwe mu bigeme aheruka kuja muri Arabiya Saoudite avuga ko babayeho nabi.

UBM News ads

Abigeme bajanywe mu bihugu vy’abarabu gukora ubuzi bwo mu nzu barabandanya gutabaza ko bafashwe nabi iyo bajanywe. Aho bashikizwa, bamenyesha ko babarundanya hamwe ntibaronswe ivya nkenerwa harimwo ivyo kuryamako n’ivyo gufungura. Amakenga akaba ari yose no ku bigeme basanzwe baregeranirijwe hamwe mu gisagara ca Bujumbura bategurwa nabo kugira bazosangeyo abandi.Nabo bavuga ko bariko bakorwako iterabwoba ko uwuzoheba akazi azoca ashikira mu Mpimba.

Abo bigeme n’abakenyezi bamaze gushika mu gihugu ca Arabiya saudite bavuga ko bari mu magorwa kuko aho begeranirijwe barundanye, bakiharura mu bihumbi 2000 birenga. Niho barara akaba ataco bipfuka bafise kandi bakarara hasi hatagira imatera. Ngo abagize amahirwe bakaronswa ikirengeti nico baheza bagasasa . Eka no gufuringwa si ikirenga kuko babima amazi. Uwuhisemwo amazi ngo ntaronka ico afungura. Abo bigeme n’abakenyezi bataka batakambira Leta yabarungitse hama ntibakurikirane kuva mu gacerere ibumvire impuhwe n’ikigongwe. Bamwe muri bo bahaye bipfuza ubuzima barimwo mu Burundi imbere yuko burira bakajanwa mw’ivyo bihugu vy’abarabu.

Umwe mw’abo bigeme yatwiganiye uku :«Iyo menya ko nje gushikira mw’ubu buzima nk’ubw’abacakara, nari kwigumira iwacu kuko nararya nka ryama. Gusa ubukene bw’amafaranga yo kwikorera imigambi nibwo bwanzanye ino. Uravye ahantu baturunze , nawe wohava ukorora amosozi ndabizi. Turya ku gihamana. Amazi yoyo yo kunywa nyawukiyabaza kuko baguhitishamwo hagati y’amazi n’indya ico utoramwo, twese amazi tuca tuyareka kuko inzara nimbi. Turakuranwa kuryama nahone hasi kw’isima. Turaterateranya udutenge twavyanye I Burundi tukadusasa maze tukabona kuryama tugasinzira.urengejeko umwanya wahawe wo kuryama uza ubona abandi baje kukuvyura ngo ubabise nabo bihengeke»

Abandi bigeme barindiririye muri karitiye ya Asiatique mu gisagara ca Bujumbura kugira bajanywe gukorera muri Arabiya Saoudite bamenyesha ko batewe ubwoba n’amakuru baguma bahabwa n’abagenzi babo baheruka kujanwa muri Arabiya Saoudite. Abari mu mashirahamwe yabarondeye kugira abatwareyo abamenyesha ko uwokwirahira agatoroka canke agaheba akazi azoca ajanwa gupfungirwa mu Mpimba.

Tubamenyeshe ko Leta y’uburundi ibicishije ku bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwagiraniye amasezerano na Arabiya Saoudite mu bijanye no guhana abakozi hari mu mwaka wa 2021. Umurwi wa mbere w’abigeme n’abakenyezi ukaba wagiye ku mugaragaro kuwa 17 Rusama 2023.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments