UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye atera ivyatsi abarundi bariko bagumura abadandaza kugira ntibarihe amakori yashinzwe na OBR.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi yateye ivyatsi abarundi bariko bagumura abadandaza kugira ntibarihe amakori yashinzwe n’ikigo OBR. Perezida Ndayishimiye akaba yaciye atanga imisi itatu ku bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira habe hagarukanywe urutonde hongere hahashwe abo bahungabanya ituze mu bikorwa bijanye n’ubudandaji mu gihugu c’uburundi. Varisito Ndayishimiye akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu igihe yaraganutse avuye mu rugendo yaramazemwo imisi mu bihugu vy’uburusiya, ubushinwa na Ethiopiya.

Mu zindi ngingo Perezida Ndayishimiye yafashe ni izijanye no guhagarika amasezerano yasinywe hagati ya Leta hamwe n’umuntu yahaye ikibanza mu masoko ya Leta. Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yamenyesheje ko itangwa ry’ibibanza mu masoko yubatswe na Leta ririmwo ukuboko kw’abatwara amasoko hamwe n’indongozi babicishije muco yise «amanyanga» yo gukotesha ibibanza ku bandi maze ugasanga bariko bararemereza umudandaza mutomuto.

Tubamenyeshe ko ivyo bishitse mu gihe abadandaza bakorera mw’isoko yo mu Ruvumera kuri uyu wa mbere bavyutse bahagarika imirimo kugira bagaragaze akababaro kabo kubijanye n’ikori baheruka kurihishwa n’ikigo OBR. Abakorera mw’isoko hagati bakaba bahora barihishwa ibihumbi 14 gusa ariko ko ubu bagiye kurihishwa amafaranga ibihumbi 450 hamwe n’ibihumbi 600 vy’amarundi ku bakorera mu bibanza biri kw’ibarabara. Abo badandaza bakavuga ko ayo mafaranga baciwe ari agacamutwe kuko batabona aho boyakura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments