Inyuma yaho igihugu c-urwanda gihereye kuri uyu wa 30 Mukakaro 2021 Leta y-uburundi abarwanyi 19 b-umuhari Red-Tabara baheruka gufatirwa k-ubutaka bw-ico gihugu mugihe bari bavuye gukora ibitero mu ghihugu c-uburundi neza na neza mu ntara ya Kayanza, umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye arashimira Leta y-urwanda kw-ako kigoro yaraye ikoze. Perezida Nayishimiye Yabivugiye kuri uyu wa gatanu mu nama yabereye ku buhinga bwa none ihuza abakuru b-ibihugu hamwe n-ama Leta bigize umuryango wa Afrika yo hagati CEEAC.
Ariko Perezida Ndayishimiye asaba igihugu c-urwanda ko kitogarukiriza ngaho, gitere iyindi ntambwe mu gutanga abagirizwa ko bakoze uruhara mw-itembagazwa ry-ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 kugire bashikirizwe ubutungane bw-igihugu arongoye.
Abakurikiranira hagufi muvya poritike y-akarere, babona ko kubona urwanda rwatanze kuri Leta y-uburundi abarwanyi b-umuhari Red-Tabara, n-uko na Leta y-urwanda ifise ico igiye gusaba abategetsi b-uburundi bayikorere , nko kugira uruhara runini rw-abategetsi b-uburundi mu gutuza imihari y-abitwaje ibirwanisho irwanya urwanda, ico gihugu cama cagirije akatari gake uburundi ko bucumbikiye iyo mihari mw-ishamba rya Kibira risanzwe rihana urubibe n-ico gihugu kibanyi c-urwanda.





Recent Comments