UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye asaba urwanda ko rwotera iyindi ntambwe rugatanga abari inyuma ya ˮcoup d-Etat‟

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho igihugu c-urwanda gihereye kuri uyu wa 30 Mukakaro 2021 Leta y-uburundi abarwanyi 19 b-umuhari Red-Tabara baheruka gufatirwa k-ubutaka bw-ico gihugu mugihe bari bavuye gukora ibitero mu ghihugu c-uburundi  neza na neza mu ntara ya Kayanza, umukuru w-igihugu c-uburundi  Varisito Ndayishimiye arashimira Leta y-urwanda kw-ako kigoro yaraye ikoze. Perezida Nayishimiye  Yabivugiye kuri uyu wa gatanu  mu nama yabereye ku buhinga bwa none ihuza abakuru b-ibihugu hamwe n-ama Leta bigize umuryango wa Afrika yo hagati CEEAC.May be an image of 1 person and sitting

Ariko Perezida Ndayishimiye asaba igihugu c-urwanda ko kitogarukiriza ngaho,  gitere iyindi ntambwe mu gutanga abagirizwa ko bakoze uruhara mw-itembagazwa ry-ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015  kugire bashikirizwe ubutungane bw-igihugu arongoye.

Abakurikiranira hagufi muvya poritike y-akarere,  babona ko kubona urwanda rwatanze  kuri Leta y-uburundi abarwanyi  b-umuhari Red-Tabara, n-uko  na Leta y-urwanda ifise ico igiye gusaba abategetsi b-uburundi bayikorere , nko kugira uruhara runini rw-abategetsi b-uburundi mu gutuza imihari y-abitwaje ibirwanisho irwanya urwanda, ico gihugu  cama  cagirije  akatari gake uburundi ko bucumbikiye iyo mihari  mw-ishamba rya Kibira risanzwe rihana urubibe n-ico gihugu kibanyi c-urwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments