Mu gikorane kiriko kibera i Gitega k-umurwa mukuru wa politike w-uburundi, mu nyumbero yo gushimira Imana ku mwaka umwe uhaciye ahawe amabanga yo kuyobora uburundi n-abarundi, Umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye ikigongwe Imana ku vyaha y-ubwicanyi,guhonyanga agateka ka zina muntu, urwanko, guhora, n-ibindi avuga ko bimaze imisi vyibonekeza mu gihugu c-uburundi.
ˮ Dawe mwiza ntitwari dukwiye kuza imbere yawe, twarahemutse ku mabwiriza yawe, turihumanya, turahohotera agateka k-abagenzi bacu kandi tuziko tuvukana. Ewe mana muvyeyi turizizirwa na se kibi tugatosekaza aka gateka waturemanye, turabiba urwanko,turankana, turatotezanya mbere turanakwibagira tukirukira izindi mana mu bapfumu, turahumanya igihugu cacu , mbere indongozi ntizitunganirize abo zijejwe gutunganiriza, turagusavye uduhe umutima wo kurekuriranira‟
Ivyaha perezida Ndayishimiye yadomyeko urutoke asabwa n-abajejwe agateka ka zina muntu ko yoshengeza mu butungane ababikora bakabihanirwa naho Imana yoba yabagiriye ikigongwe, bivurwa na Anschaire Nikoyagize arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu LIGUE ITEKA ubu rikorera mu buhungiro.
ˮKo Perezida Ndayishimiye yatura imbere y-Imana asaba ikigongwe ku mabi akorerwa abarundi ku musi ku musi ni intambwe mugabo tukagira duti ntivyari bikwiye ko ahubwo Perezida Ndayishimiye yotera iyindi intambwe abo bakora ayo mabi bagahanwa ubutungane bugakora abo bantu bakora ivyo atumva bahanwe kugira igihugu c-uburundi kigaruke mw-ituze gishobore kurandurana n-imizi ukudahana‟ bibandanya bivurwa na Anschaire Nikoyagize.
Kubw-uwo arongoye LIGUE ITEKA, amenyesha ko abantu bangana 554 ari bamenywe ko bishwe mu kiringo Perezida Ndayishimiye amaze k-ubutegetsi .





Recent Comments