Abavyeyi bibungenze n’abataracandagisha ibibondo basabwa ko atawohirahira ngo asibe ugwo rucanco.

0
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwongereje ikiringo co kuronsa abana (bafise kuva ku mezi 6 gushika ku myaka 14) n’abakenyezi bibungenze (kuva ku mezi 3) ibinini vy’inzoka hamwe n’amama ya Vitamine A ku bana.
Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye bwamenyesheje ko ivyo bikorwa vyatanguye ku wa 16 Ruheshi vyari bitegekanijwe guhera kuri uyu wa 5, bizobandanya kuva ku wa mbere, igenekerezo rya 21 gushika ku rya 23.
Aucune description de photo disponible.
Ivyo vyatangajwe uyumusi mu gihe ibitigiri vyari vyitezwe kwakirwa bitari bwacandagwe kurugero rushimishije, mu gisagara ca bujumbura no mu gihugu hagati.