UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Indwara ifise ibimenyetso nk’ivya Covid-19 irabangamiye abanya Bujumbura no mu ntara za ruguru.

Haribonekeza ku bwinshi mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no mu ntara zo hagati mu gihugu abantu barwaye indwara ifise ibimenyetso bishusha nk’ivy’ibicurane. Bamwe mu barwayi bahaye bibaza ko coba ari ikiza ca Covid-19 cagarutse.

Young African woman blowing her nose on a tissue conceptual of seasonal flu, rhinitis or a respiratory allergy like hayfever isolated on white

Umwe mu banyagihugu aba muri zone ya Kanyosha , muri komine ya Muha arasigura ukwo iyo ndwara ifata , agira ati :« Namaze mu nzu imisi itatu ntasohoka hanze. Naragira ibicurane vyinshi, mu mazuru bikanka ko ndahahemera, nkameneka umutwe, nka cika intege umubiri wose, ntibagiye rero n’ubushuhe na bwone bwinshi»

Uyundi munyagihugu wo muri komine Bururi, mu ntara ya Bururi wewe yibaza ko coba ari ikiza ca Covid-19 cagarutse mu gihugu kuko ngo aravye abarwaye iyo ndwara ukwo bangana , agira ati :«Mu kibano mbona benshi bari imirindigiti mu mazu yabo baremvye cane. Hamwe womenga ni malaria ariko giye kuyivuza bakayibura, ninaho twagize ubwoba ko yoba ari Covid-19 yatugarutsemwo»

Mu ntara za Rumonge no muri Bujumbura benshi bita Bujumbura-rural, ivyo bicurane biravurwaho ku bwinshi nkuko amasoko yacu abitumenyesha.

Abize ivy’amagara y’abantu twavuganye babona ko iyo ndwara yoba iriko iterwa n’impinduka z’ikirere kuko ngo iyo iyo havuye igihe c’izuba maze hagaca hinjira igihe c’imvura hamwe n’imbeho, hariho imigera ica isubira kuba myishi mu kirere nk’iyitera indwara zimwe zimwe zifatira mu bihimba vy’ihemero.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments