UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye asaba abarundi bariko baja gukorera hanze y’igihugu guhagarika iyo ngendo maze bagume mu Burundi babuteze imbere.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi asaba abarundi b’abahinga barwiriyemwo abaganga bariko baja gukorera ku bwinshi mu bindi bihugu guhagarika iyo ngendo kugira bagume mu gihugu c’uburundi maze bagiteze imbere. Evariste Ndayishimiye agasaba nyabuna abo barundi gukunda igihugu c’abibarutse.

Ariko atanga akarorero ku baganga b’abahinga bariko baja ku bwinshi mu bindi bihugu gukorerayo, Perezida Ndayishimiye avuga ko ari akamaramaza kuba bariko bareka gukorera igihugu c’abibarutse kikongera kikabigisha.
Ivyo Perezida Ndayishimiye abishikiriza mu gihe bivurwa ko abo baganga bagenda mu bindi bihugu kubera agahembo baronswa ari gato cane mu Burundi ugereranije no mu bindi bihugu na cane cane vyo mu karere.

Nkuko vyavugiwe mu kiganiro hagati y’abakenguzamateka n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, ngo umuganga w’umuhinga ahembwa amafaranga y’amarundi angana 650.000 muri Leta ariko mu bitaro vy’abigenga, make ngo bahembwa ni 2.500.000. Mu bihugu bibanyi nk’urwanda ni amanyarwanda 1.300.000 , muri Kenya naho ni ama dorare 3000, muri Tanzaniya naho ngo bahembwa amadorare 1300.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments