UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CNL irikumwe n’iyindi migambwe hamwe n’imihari baratakambira akarere n’ibihugu rutura vyo kw’isi gufasha iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe CNL urikumwe n’iyindi migambwe hamwe n’imihari ya politike baheruka kwandikira abakuru b’ibihugu vyo mu karere hamwe no mu bihugu rutura vyo kw’isi babisaba gufasha mw’inagurwa ry’amasezerano ya Arusha.

Iyo migambwe ikaba ari umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa, Umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi urongowe na Charles Nditije, UPD Zigamibanga, ishami ritavuga rumwe n’ubutegetsi, inani za politike ari zo CFOR Arusha na MAP Burundi Buhire.

Muri urwo rwandiko rwarungikiwe abakuru b’ibihugu vy’akarere, Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden, Perezida wa Afrika y’epfo Cyrille Ramaphosa, umunyamabanga mukuru w’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’ubumwe bwa buraya n’abandi.

Umushingamateka Léonce Ngendakumana ariwe arongoye urwo runani rw’abo bashize ahabona urwo rwandiko ashikiriza ko vyihuta y’uko amakungu agarukira amasezerano ya Arusha mu gihe uburundi bwegereje amatora ya 2025.
Ngendakumana akamenyesha ko ayo masezerano ya Arusha yagiye arahonyangwa kuva mu mwaka wa 2005, CNDD-FDD ishitse ku butegetsi, na cane cane mu mwaka wa 2015 aho umuhisi Perezida Nkurunziza yitoreza ikiringo ca gatatu, urwo runani ruvuga ko cari kinyuranye n’amategeko.

Kubw’ivyo, urwo runani rusaba abarungikiwe urwo rwandiko kugira uruhara mu kugondoza Leta ya CNDD-FDD ngo yemere ibiganiro vya politike bihuza bose, gutahukana impunzi zose zibishaka hamwe n’abanyepolitike bahunze igihugu, gufuta imitahe mpuzamakungu yose yo gufata abagirizwa kugira uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi bwo kuwa 13 Rusama 2015, gufuta imanza ‘zigoramye’ zaciriwe abagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye hamwe n’ibindi,…

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments