UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

APDR isaba Leta kuraba ko ikwiye kwikura muri EAC maze igacudika n’ibihugu vyo muri CEPGL na SADC.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe APDR usaba Leta y’uburundi kudasubira kuganira n’igihugu c’u Rwanda ndetse inahagarike imigenderanire n’ico gihugu kibanyi kubera ko ngo u Rwanda rwanse gutanga imisore sore yakoze imyiyerekano mu mwaka wa 2015 maze ubu ngo ifasha abarwanyi b’umuhari RED-TABARA. Gabriel Banzawitonde arongoye uwo mugambwe akaba asaba kandi Leta y’uburundi ko yotangura kurimbura inyungu uburundi bwoba bukura mu muryango wa EAC ko vyukuri zoba zifitiye akarusho igihugu ngo Atari ukwo naho bukikura mw’uwo muryango wa maze uburundi bukibandaniriza n’ibihugu vyo mu muryango wa CEPGL hamwe na SADC.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mw’iy’indwi turiko tusozera, Gabriel Banzawitonde akaba asaba Leta y’uburundi gukurikiranira hafi uruja n’uruza rw’abava mu Rwanda harimwo n’amashirahamwe mpuzamakungu mu gihe igihugu kiriko citegurira kwinjira mu bihe vy’amatora.

Banzawitonde akaba asaba kandi Leta y’uburundi kudasubira kugirana ibiganiro na bimwe ku gihugu c’urwanda nyabuna ikifatanya ndetse igakomeza imigenderanire myiza n’igihugu kibanyi ca Congo kuko ngo ico gihugu camye kigaragaza umubano mwiza.

Ivyo uwo arongoye APDR yabitangaje inyuma yaho umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye amenyeshereje ko igihugu c’u Rwanda arico kiriko kirashigikira congera gicumbikira umuhari RED-TABARA , umuhari uheruka gukora igitero muri zone ya Gatumba mu mpera z’umwaka wa 2023 maze gisigamwo ubuzima abantu 20.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments