Perezida Ndayishimiye aragabisha abigisha hamwe bohagarika akazi ko bazoca basubirizwa n-abashomeri.

0

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yaraye agabishije abigisha ko hamwe bohagarika akazi kubera kwanka gukoreshwa ikibazo co kubapima ubumenyi bafise, bazoca basubirizwa n-urwaruka rwahejeje amashure rushomereye muhira. Ikindi Ndayishimiye avuga nuko ico gihe abo bigisha barinze bahagarika akazi bazoca barwanirizwa rimwe n-abanyagihugu bose b-uburundi. Varisito Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa kane mu masengesho yama yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD buri wa kane usozera ukwezi.Image

Umukuru w-igihugu c-uburundi yabivuze uku:« Reka je ndababwire, ndaziko aha batabuzemwo , abo bazo greva, mugabo mu greva jewe nta kibazo murabizi ingene meze. Erega kwigisha si obligation!  Ushatse wobiheba  n-uno musi. Ninde yakubwiye ko ukwigisha ari ku nguvu? »

Mw-ayo masengesho yari yatunganijwe n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye, Yarongeye amenyesha abagumyabanga baraho ko hamwe abigisha bohagarika akazi hazoca hahagarikwa imishahara yabo  bongere abarundi  babarwanirize hamwe ukwo ari imiriyoni 12 :« ku greva?  Contre uwo bakorera nyene?  Kare ntimwari bwamenye igihugu icarico . ubu nirirwa ndabigisha yuko Leta ni abantu imiriyoni 12 . Wewe uri umukozi wabo. Kuvuga rero ngo ngirira iki , ngo wanse sinkwigishiriza umwana , ni wewe nyene! Bazoguha amakofe nanse kuguhenda. None si aba patrons banyu abenegihugu? Umushahara wawe uzoca ubanza uhagarare kwanza . Ni wasiba  nkagusubiriza, uraca  ugenda ufate inkoho , duce turwana abenegihugu bose ndabe ko uzobanesha . Wewe wonesha imiriyoni 12?»  Niko Perezida Ndayishimiye abandanya avuga.