Thursday, June 8, 2023
HomeNewsImpunzi z’abarundi ziri mu bihugu vy’akarere zanka guhunguka kubera zipfuza kuja mu...

Impunzi z’abarundi ziri mu bihugu vy’akarere zanka guhunguka kubera zipfuza kuja mu bindi bihugu biteye imbere (Martin Ninteretse)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bitandukanye vyo mu karere zanka guhunguka kubera zipfuza kuja mu bindi bihugu biteye imbere ngo kuko ata zindi mpamvu zihari zituma abarundi bahunze bahunguka. Ivyo Martin Ninteretse yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Martin Ninteretse yagize ati :
“…Erega harico mutazi,abantu benshi bari mu makambi y’impunzi burya benshi ntibataka gutaha mu Burundi , bashaka ico bita “réinstallation” mu bihugu vya buraya za Canada na hehe… Ivyo sivyo nabwiwe , ni ivyo niyumviye hariho umurundi ari mw’ikambi y’impunzi i Tanzaniya yaranyiterefoneye jewe nyene, urumva umuntu ari mw’ikambi hagutaha ambwira ngo nindamufashe ukungene yoja kuba muri Canada”

Uwo mushikiranganji yamenyesheje kandi ko abanyepolitike bahungiye mu bindi bihugu badakwiye kuguma bitwa impunzi kuko ngo impunzi za politike zozo zamaze gutaha. Kubwiwe ngo bazohava bitwa aba diaspora kuko ataco bovuga ngo bahunze ubu mu gihugu c’uburundi.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...