Mu Burundi ngo umunwa wose urafise ico ufungura, ivyo vyashikirijwe na Perezida Ndayishimiye kuri uyu wa gatandatu mugihe umugambwe aturukamwo CNDD-FDD wariko urahimbaza ku ncuro igira indwi umusi mukuru wahariwe Imbonerakure. Varisito Ndayishimiye arongera akamenyesha ko amakungu akwiye kumenya ko uburundi bwikwije.
Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati :«uno musi ushitse abarundi dushoboye no kwitunganiriza itunga ry’umuryango.uno musi umunwa wose urafise ico urya, iryo ni iteka ku gihugu cacu. Kare twavuga ko tutaronse imfashanyo ziva mu makungu ko uburundi budashobora kubaho, uno musi uburundi burahagaze»
Naho umukuru w’igihugu c’uburundi avuga ukwo, Leta y’uburundi iherutse gusaba amashirahamwe y’abagiraneza kuyifasha kwegeranya imfashanyo z’ibifungurwa bigenewe abanyagihugu. Ni inyuma yaho bigaragariye igitigiri c’abanyagihugu bakeneye imfashanyo gitera ciyongera kuva mu 2022 . Uyu mwaka ho, ivyegeranyo vy’abagiraneza bikaba vyerekana ko igitigiri c’abanyagihugu ubu bashonje cirwije na kabiri nk’uko tubisoma mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe gutunganya imfashanyo OCHA cashizwe ahabona kuwa mbere myandagaro 2023.
Recent Comments