Umukuru w’igihugu c’uburundi araremesha ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika ko ata muntu azotera igihugu ca Niger ngo kanatsinda ntaco tuma ico gihugu giterwa kuko ata ntambara iriyo. Perezida Ndayishimiye nk’uwurongoye mw’uku kwezi kwa Myandagaro inama y’amahoro n’umutekano mu bumwe bwa Afrika , yabitangaje kuri uyu wa gatandatu mu ntara ya Makamba igihe hariko hahimbazwa umusi wahariwe urwaruka rw’imbonerakure, urwaruka rwegamiye umugambwe CNDD-FDD , Varisito Ndayishimiye asanzwe aturukamwo ndetse akaba ari nawe arongoye inama y’inararibonye mw’uwo mugambwe.
Imbere y’abaserukiye imigambwe yabo yo mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika, Perezida Ndayishimiye yagize ati :«Nabonye intumwa zaje ziva mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika. Ndabaremesheje , jewe turavugana na benshi , abashigikiye ibitero muri Niger ni bake cane. Nta ntambara iriyo, none tuje gutera ahatagira ingwano?»
Perezida Ndayishimiye akaba nyabuna yahamagariye amakungu gufasha Niger kugira kive mu bibazo irimwo haraciye ukwezi .
Tubamenyeshe ko kuva aho Perezida wa Niger Mohammed Bazoum akuriwe ku nguvu ku butegetsi, Abarongoye ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero bigize umuryango wa CEDEAO barabandanya imibonano yo gutegura igitero ca gisirikare muri Niger mu gihe inzira y’ibiganiro yoneshwa ntizane inyishu.
Recent Comments