UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Inama nshingamateka yaremeje integuro y’ibwirizwa ijanye no guha uburundi birwanisho n’ubuhinga bigezweho bitanzwe n’igihugu c’uburusiya.

UBM News ads

Inama nshingamateka y’uburundi yarize kuri uyu wa gatanu yongera yemeza integuro y’ibwirizwa rijanye n’amasezerano yapfunditswe hagati y’igihugu c’uburundi n’igihugu c’uburusiya mu bijanye no gufashanya muvya gisirikare n’ubuhinga.

African Union (AMISOM) soldiers from Burundi stand to attention in Mogadishu on July 11, 2017. – A contingent of Burundian soldiers stationed in Somalia under AMISOM command have taken part in a leaving and handover ceremony. The AMISOM military contingent has been using the National Somali university as its command headquarters since 2007. (Photo by MOHAMED ABDIWAHAB / AFP)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Ninteretse yari yishikiye mu nama nshingamateka kugira abasigurire iyo nteguro y’ibwirizwa, yamenyesheje ko ayo masezerano azotuma igisirikare c’uburundi kironka ibikoresho n’ubuhinga bigezweho kugira ngo ico gisirikare gikingire imbibe n’ubwigenge vy’igihugu c’uburundi.

Abashingamateka bakaba barabajije uwo mushikiranganji ko ayo masezerano ata ngorane yotera kubera igihugu c’uburusiya kitabanye neza n’ibindi bihugu rutura vyo kw’isi nka Amerika n’uburayi. Kuri ico kibazo, Martin Ninteretse akaba yishuye ko uburundi ari igihugu cikukiye, gifise uburenganzira bwo guhitamwo ibihugu gicudika navyo. Iyo nteguro y’ibwirizwa yahavuye yemezwa n’abashingamateka bose inyuma yo guca irya n’ino ayo masezerano.

Tubibutse ko Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye igihe yaheruka mu burusiya mu nama ihuza umugabane wa Afrika na Moscou hari mu mpera z’ukwezi kwa Mukakaro 2023, yari yasavye ashimika mugenzi we w’uburusiya Perezida Vladmir Poutine kumufashisha ibirwanisho bigezweho hamwe n’ibikoresho vyo gutumatumanako amakuru mu ntumbero yo gukingira inzego z’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments