Perezida Ndayishimiye aragabisha ku batsindiye isoko yo kwubaka urugomero rwa Kajeke ko batorya ngo baryamire.

0

Mu gihe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 Ruheshi 2021 umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye yari yaramutse agendera urugomero rwa Kajeke ruri mu ntara ya Bubanza,  uwo mutegetsi aramutswa igihugu c-uburundi yaraneguye  cane inyifato y-abari bajejwe kwubaka urwo rugomero rwa Kajeke aho rwatanguye kwubakwa  kuva mu mwaka w-2010 gushika nubu rukaba rutahera  Le barrage de Kajeke, 12 milliards de FrBU coulés à l'eau - Radio Isanganiro

Mw-ishirahamwe BETCO batsindiye isoko ryo kwubaka urwo rugomero rwo kuvomera imirima ya Gihanga na Mpanda, bamenyesha ko vyari bitegekanijwe ko rwubakwa mu mice itatu , umuce wa mbere wararangiye gushika mu mwaka w-2016 ariko ngo kuva uwo mwaka  ntacasubiriye gukorwa  ngo kuko n-ubushikiranganji bujejwe ibidukikije ari nabwo bwakurikirana ico gikorwa ntibwasubiriye kubikurikirana , nk-uko bimenyeshwa na Egide Hamenyimana aserukira iryo shirahamwe.

Perezida Ndayishimiye ati :ˮ jewe ndibaza ko iryo shirahamwe ritazosubira kuronka isoko mu Burundi ‟ Arongera agatangazwa n-ukuntu ahari hubakishijwe ivyuma bidashemeye ˮfer à betons‟ haza haratanguye kubomagurika.

Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye amenyesha ko abari batsindiye isoko yo kwubaka urwo rugomero rwa Kajeke batorya ngo baryamire kuko aho bazofatirwa hose bazohanwa. Ikindi , yanagiriyeko amenyesheje ko  agiye gushinga umurwi uzokwirikirana ico kibazo hanyume uzomushikirize icegeranyo.

Tubamenyeshe ko vyari bitegekanijwe ko urwo rugomero  rwovomera amahegitari 3000 y-imirima, inyubako zarwo zikazotwara  imiriyaridi z-amarundi 11 atanzwe na Leta y-uburundi.