Mu gihe ata musi canke indwi vyijana hadatowe mu makomine agize intara ya Cibitoke ibiziga vy-abantu baba bishwe , Abatari bake harimwo imvukira z-iyo ntara baribaza abaguma bagandagura abantu mu nyuma bakazanwa ari ibiziga bigatorwa mw-iyo ntara. Baranibaza kandi ku gacerere kenshi kaguma kibonekeza ku bategetsi b-iyo ntara kw-ivyo biziga biguma bihatorwa.
Akarorero ka hagufi ni ibiziga bigera kuri bitatu vyatowe mw-iy-indwi turimwo mu ma komine ya Buganda na Mugina. Mu ndwi yaheruka nayo mu makomine ya Bukinanyana na Mabayi ku nkengera z- ishamba rya kibira hatowe ibiziga 5 vy-abantu bari bambaye imyambaro ya gisirikare ndetse bimwe vyari vyamaze kwononekara.
Ku matohoza yakozwe n-iradiyo ijwi y-abanyagihugu RPA amenyesha ko ibiziga bigera 25 arivyo vyatowe mu mihingo itandukanye y-intara ya Cibitoke mu kiringo kitarenga amezi abiri.
Abanyagihugu bo mubwo buce buguma butorwamwo ibiziga bamenyesha ko vyarenze urugero ku biziga baguma babona, baranibaza nyimba intara yabo yoba yahinduwemwo itongo ry-abapfuye. Barongera bakamenyesha ko intara ya Cibitoke iri ku murindi uteye ubwoba muyiriko itorwamwo ibiziga vyishi bagereranije n-izindi ntara z-uburundi. Ikindi kinatangaza kikongera kikababaza imvukira z-iyo ntara ngo ni agacerere karenze karangwa mu bategetsi uhereye ku ndongozi zo hasi gushika kuri buramatari ko hari hakenewe guhumurizwa bakanabwirwa amamuko y-ivyo biziga vy-abantu ndetse nababishe abaribo hakuca bihutira gutanga itegeko ryo kubifoba.
Recent Comments