UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y-uburundi imenyesha ko atabasirikare bayo bagiye kurwanira mu buseruko bwa Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y-uburundi ibicishije ku mushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba irabeshuza amakuru amaze imisi avugwa ko hari abasirikare b-uburundi bagiye kuwanira ku butaka bw-igihugu ca Congo, neza na neza  mu buseruko bw-ico gihugu. Umushikiranganji Alain Tribert  yabitangaje kuri uyu wa gatanu igihe yariko ashikiriza  ivyaranguwe n-ubwo bushikiranganji.Au cœur de la crise burundaise IV : la rente du maintien de la paix en  question | Crisis Group

Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba asigura ko kugira abasirikare baje mu kindi gihugu habanza kwisungwa amategeko ndetse hakanisungwa amasezerano, ikindi bikongera bikaba ku mugaragaro.

Naho umushikiranganji Tribert Mutabazi abihakana,  amashirahamwe yigenga akorera mu buseruko bwa Congo amenyesha ko ahangayikishijwe n-abasirikare b-uburundi bateje umutekano muke mw-ako karere muri iyi minsi. Ndetse no mu  muhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi usanzwe ufise ibirindiro mu buseruko bwa Congo wemeje  ko umaze imisi uri mu ntambara iwuhuza n-abasirikare b-uburundi barikumwe n-imbonerakure, urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments