Inani z’amasendika CSB na COSYBU zisaba umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye gufata ingingo zibereye ku biciro bibandanya biduga bigatuma abakozi batagishobora kubeshaho imiryango yabo. Biri mw’ikete izo nani zarungikiye umukuru w’igihugu c’uburundi ku bijanye ibibazo abakozi bafise muri kino kiringo .
Gilbert Nyawakira wo mw’ihuriro CSB mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane yagize ati :«Twagomba dusabe Leta ubwa mbere yuko yoraba ko ibiciro vyohagarara. Dusabe ubwa kabiri ko ay’amatagisi y’urutavanako bashira kuvyo abanyagihugu bato bato bakeneye , abakozi ba Leta bakeneye, yuko koko yoraba agahagarara.Dusaba kandi ko Leta yoraba ikorosha ibintu biva hanze ari ibifungurwa na vyone kumbure bikaza mu nzira zoroshe kumbure mba nshaka kuvuga ko navyone babikureko n’amakori, tubironke birwiriye kandi bizimbutse. Ikindi n’uko tworaba ibintu vya nkenerwa biza birabura :isukari, igitoro, ibikoresho vyo kwubaka, eka n’ibindi vyankenerwa nk’imfungurwa ko Leta yobigirako umwitwarariko kugira bize biraboneka».
Izo nani zikaba kandi zasavye Leta kuza iraraba ukwo imishahara y’abakozi bayo ko ijanye n’ubuzima abarundi babayemwo iki gihe.Ikindi, ngo ni uko Leta yoraba agashahara k’ibanze ku bakozi batoya kashinzwe mu mwaka wa 1980 ko yobandanya kugasubiramwo maze kagashirwa ku gihe kuko amafaranga 150 n’ijana n’amahera atanu bari bafatiyeko ico gihe, biboneka ko ataco agifasha iki gihe.
Recent Comments