UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida Ndayishimiye arababajwe n’uko Ibanki y’isi hamwe na FMI vyamwagirije kurya ibiturire kandi bikorwa n’akarwi k’abantu gakorana na OBR.

Ibanki y’isi hamwe n’ikigega mpuzamakungu FMI vyagiriza abategetsi b’uburundi ko aribo barya ibiturire. Vyatangajwe kuri uyu wa kabiri n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye mu nama yagiranye n’inzego zitandukanye z’igihugu zirimwo abategetsi bo mu gisirikare, umutekano, abajejwe intwaro n’ubutungane yabereye mu ntara ya Muramvya.

Perezida Ndayishimiye yemeza ko hari akarwi k’abansi b’igihugu bishize hamwe mu guhomvya igihugu babifashijemwo n’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi. Muri iyo nama, Perezida Ndayishimiye yashimikiye cane cane ku bikorwa vy’ikigo OBR aho yavuze ko kidakora ico kijejwe kandi ariwo mutima igihugu kizeyemwo amafaranga yo kucubaka.

Uwo arongoye uburundi akaba yamenyesheje ko ababajwe n’ukuntu yagirizwa n’amakungu ko abategetsi b’uburundi aribo ntandaro yo kurya ibiturire.

Nkuko dukesha iy-inkuru iradiyo ijwi rya Amerika, Varisito Ndayishimiye yagize ati :«Mbe muraziko ibanki y’isi na FMI bavuga ko ari ubutegetsi bubigira? Murazi kwagirizwa ko ari wewe urya ibiturire, ko ari wewe uforoda amadorari? Barabinyagirije ndababara…»
Perezida w’uburundi akavuga ko amafaranga arenga umumiriyaridi w’amadorare winjira mu mifuko ya bamwe bamwe buri mwaka biciye muri forode. Aho kandi Varisito Ndayishimiye asigura ko ibiharuro vya Leta vyerekana ko ibidandazwa vyinjira mu gihugu vyategerezwa gutanga amakori, usanga Leta ironkamwo n’imiburiburi ica cumi c’amahera yategerezwa kuja mu kigega cayo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments