UBM News ads UBM News ads
Thursday, April 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igihugu c’ubudagi casavye ikigongwe Tanzaniya ku mabi y’ubwicanyi cakoze mu gihe c’ubukoloni.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu rugendo arimwo akorera mu gihugu ca Tanzaniya, Umukuru w’igihugu c’ubudagi Frank-walter Steinmeier yasavye ikigongwe kuri uyu wa gatatu igihugu ca Tanzaniya ku mabi y’ubwicanyi yakozwe n’igihugu arongoye mu ntango z’ikinjana ca 20.

«Ndunamye imbere y’abagandaguwe mu gihe c’ubukoloni bw’abadagi. Ikindi nk’umukuru w’igihugu c’ubudagi , nashaka gusaba ikigongwe kuvyo abadagi bakoreye ngaha ba sokuruza banyu» Niko Perezida Frank-Walter yavuze igihe yariko agendera ikibanza c’iratiro citiriwe ukwibohoza kw’umunyagihugu Maji-Maji.

Mu bukoloni bwiswe «Afrika y’ubuseruko» ari nabwo bwari burongowe n’igihugu c’ubudagi kuva mu myaka ya 1880 gushika 1918,ubwicanyi bwo ku rugero rwo hejuru bwakozwe hagati yo mu myaka ya 1905 na 1907 bwari ku bantu bapfuye bari hagati ya 200.000 na 300.000. Umukuru w’igihugu c’ubudagi akaba yemereye abategetsi ba Tanzaniya gutahukana ibisigarira vy’amagufa y’abanye Tanzaniya vyagumye mu gihugu c’ubudagi gushika iki gihe.

Nkuko tukesha iy’inkuru iradiyo y’abafaransa RFI, Mw’urwo rugendo yakoreye mu gihugu ca Tanzaniya, Perezida Frank-Walter Steinmeier akaba yanabonanye kandi n’abakomoka k’uwitwa Songea Mbano, uwo nawe akaba yari mu bakuru b’abarwanyi bahanganye n’abadagi mu gihe abanye Tanzaniya bariko barwanira ukubaho ku bwigenge bw’igihugu cabo. Songea Mbano akaba yaciye anyongwa maze acibwa umutwe n’abadagi arikumwe n’abarwanyi biwe bagera kuri 66.

Abamukomokako bakaba n’ubu bakirondera agahanga kiwe, bashobora kuba bibaza ko abadagi boba bagiye bakajanye mu gihugu cabo nk’uko no mu bindi bihugu vya Afrika ibisigarira vy’abagiye barwanira ukwikukira vyaciye bijanwa mu bihugu vyabatwaye mu gihe c’ubukoloni.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments