Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y-abantu kw-isi, OMS riranegura igitigiri c-abiteje urucanco rwa Covid-19 mu Burundi ko kikiri gito cane mu Burundi. Mw-itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa kane, igisata ca ONU kijejwe amagara y-abantu kibona ko uburyo bwokuronka urucanco bwari bukwiye kwongererezwa mu gihugu c-uburundi.
Gushika kw-igenekerezo rya 28 Ntwarante 2022, Abantu ibihumbi cumi n-amajana abiri na mirongo itandatu nibo bari bamaze guhabwa incanco zikwiye z-umugera wa Covid-19 mu gihugu kirimwo imiriyoni zirenga cumi na zibiri. Ishirahamwe OMS rinegura ko mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze wa 2021 ariho uburundi bwatangura kuronswa incanco mu gihe ibindi bihugu nka vyose vyo muri Afrika vyari vyemeye gutanga incanco bidahigimanze . Naho rero OMS yemeza ko ingingo z-uguhangana n-ico kiza Leta y-uburundi yafashe zatumye ibitigiri vy-abahitanwa n-uwo mugera biguma ari bike cane bigatuma kandi n-ibitigiri vy-abakira uwo mugera biba vyinshi, iryo shirahamwe riranegura kubona Leta y-uburundi yamenyesheje ko kwicandagisha bigira uwuvyipfuza. Muri iryo tangazo, Ishirahamwe OMS rimenyesha ko rigiye kubandanya rifashisha ugukwiragiza uburyo bwo kwicandagisha kugira abicandagisha bongerekane gutyo bashobore no guhangana n- ubundi bwoko bw-umugera wa Covid-19 . Iryo shirahamwe rivuga ko ari naco gituma umugambi wo gukwiragiza incanco utegekanya kwugurura ibigo 103 vyo gutangiramwo izo ncanco mu gihugu cose.





Recent Comments