Kuri uyu wa kane, umukuru w’igihugu c’uburundi yarahaye umubonano intumwa z’ishirahamwe rya buraya rijejwe ibijanye n’amahoro EIP (European institute of Peace) zirongowe n’umupfasoni Johnson Hilde. Izo ntumwa zikaba zaraganiriye na Perezida Ndayishimiye ari nawe arongoye umuryango wa EAC ku kibazo kijanye n’amahoro n’umutekano birangwa mu buseruko bwa Congo. Bakaba bagarutse ku ngingo yafashwe n’abakuru bigize EAC ivuga yuko imirwi y’abanyamahanga irwanira ku butaka bwa Congo yoshira hasi ibirwanisho maze abari mw’iyo mihari bagashigikirwa mu bijanye no gusubizwa mu buzima busanzwe mu bihugu baje baturukamwo.
Ku ruhande rw’umuhari w’abarwanyi RED-TABARA uturuka mu Burundi, Perezida Ndayishimiye akaba yabwiye izo ntumwa ko abo bana b’uburundi bose bari hanze y’igihugu botahuka bakaza guterera mw’iterambere ry’igihugu cabo.
Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yateye akamo iryo shirahamwe gufasha kugira ngo uburundi bwitegurire itahukanwa ry’abo barundi bari hanze mu kubategurira aho bazoshikira hamwe no kubaha ivya ngombwa bizobashoboza gusubira mu buzima busanzwe kugira ngo nabo bashobore gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere. Akaba kandi yamenyesheje ko bibaye ngombwa ashobora gutuma intumwa zikavugana n’abarwanyi ba RED-TABARA kugira ngo batahure ko uburundi ari igihugu kivyeyi kandi citeguye kubakirana umunezero.
Intumwa z’ishirahamwe IEP zikaba zemereye Perezida Ndayishimiye ko mw’iryo shirahamwe ryabo bagiye gufasha kugira ngo iyo mirwi ishobore gushira hasi ibirwanisho maze batahuke mu gihugu.
Umuhari RED-TABARA akaba ataco urashikiriza kw’ico cipfuzo c’ishirahamwe IEP hamwe n’ica Leta y’uburundi aho babasaba gushira hasi ibirwanisho maze bakatahukanwa mu gihugu kugira basubizwe mu buzima busanzwe.
Recent Comments