UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ishengero rya Anglikane kw’isi rirabajwe n’ukuntu Anglikane yo mu gihugu ca Uganda ishigikiye itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye.

UBM News ads

Umwungere mukuru w’ishengero rya Anglikane kw’isi mw’itangazo yaraye asohoye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi, yarababajwe n’ingingo ya Anglikane yo mu gihugu ca Ouganda yafashe yo gushigikira itegeko rihana abaryamana basangiye ibitsina. Justin Welby akibutsa abarongoye ishengero rya Anglikane muri ouganda ko umuntu ukwari kwose agumana icubahiro aba afise nk’umwana w’Imana.

Mw’itangazo ryiwe yaraye asohoye, Justin Welby yagaragaje “akababaro n’ukwakira nabi inyuma yaho ishengero rya Anglikane muri Ouganda rishigikiye itegeko rihana abaryamana basangiye ibitsina”

“Ntabwo ubu ari ikibazo kijanye no kwinjizamwo imico y’abazungu mu bavukanyi n’abashiki bacu ba Anglikane yo muri Afrika . Ahubwo ni ukubibutsa ico twiyemeje nk’aba Anglikane mu gufata umuntu ukwo abari kwose no mucubahiro ciwe aba afise nk’umwana w’Imana”Niko Justin Welby yongeyeko avuga.

“Ndahanuye umwepisikopi Kaziimba(asanzwe aserukira Anglikane muri Ouganda)hamwe n’ishengero Anglikane ryo muri Ouganda muri rusangi gusubira kwiyumvira kw’iryo tegeko bashigikiye hamwe no kuvavanura ikumira ry’abantu baryamana basangiye ibitsina”Niko Justin Welby yasavye ashimika.

Tubamenyeshe ko itegeko rihana abaryamana basangiye ibitsina , riheruka kwemezwa mu kwezi guheze kwa Rusama , ritegekanya ibihano bikomeye ku bantu bazofatwa bariko bahuza ibitsina babisangiye harimwo no kwicwa mu gihe bafatanywe itonga.

Iryo tegeko rikicemezwa, Umwepisikopi mukuru wa Anglikane muri Ouganda yarashimishijwe n’iryo tegeko rihana abo baryamana basangiye ibitsina. Stephen Samuel Kaziimba akaba ariko atahimbawe n’ishirwa mu ngiro ry’igihano co kwicwa k’uwo wese azoba afashwe ariko aryamana n’uwo basangiye ibitsina.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments