UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

«Perezida Evariste Ndayishimiye ntiyigeze ategeka ko abahuza ibitsina babisangiye bicishwa amabuye» bivurwa n’Ubuserukizi bw’uburundi mu Bubirigi no mu bihugu vya buraya.

Ubuserukizi bw’uburundi mu bubirigi no mu bihugu vya buraya burahumuriza abafasha uburundi ko Perezida Ndayishimiye atigeze atangaza ko abaryamana basangiye ibitsina bicishwa amabuye. Ababitangaje ukwo ngo ni abagoramika ibiheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kw’ico kibazo c’abaryamana basangiye ibitsina.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri na Ambasaderi Thérence Ntahiraja mu ntumbero yo gutanga umuco kubiheruka gushikirizwa mu ntara ya Cankuzo na Perezida Varisito Ndayishimiye ku kibazo c’abaryamana basangiye ibitsina, bumenyesha ko mu Burundi icaha cose gihanwa hisunzwe amategeko yanditse mu gitabo mpanavyaha.

Nayo ngo umukuru w’igihugu mu kiganiro yatanze kuwa 29 kigarama 2023 cabereye mu ntara ya Cankuzo, yakoresheje imvugo ngereranyo yo mu gitabo c’Imana ca bibiliya kugira ngo yerekane uburemere bw’ico caha c’abaryamana bahuje ibitsina, gisanzwe kiri kubiri n’imico n’imigenzo vy’abarundi.

Tubamenyeshe ko Perezida Ndayishimiye mu kiganiro co kuwa 29 kigarama 2023 yagiranye n’abamenyeshamakuru co kimwe n’abanyagihugu hari hariya mu nyara ya Cankuzo muri komine ya Kigamba, yiyamirije yivuye inyuma uwo murwi w’abantu bahuza ibitsina babisangiye aho yamenyesheje ko uwufashwe yoshirwa ahabona abarundi bakamubona, bakamushira ku bibuga vy’inkino maze abantu bose bakamutera ivyatsi amabuye kuko ivyo bakora ari ibiterasoni.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments