Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko iduga ry’ibiciro riri kurugero ruteye ubwoba mu Burundi kandi ko uburundi buza bwamaze kwinjira mu bihe bidasanzwe mu vyo ubutunzi.
Bimwe muvyohindura ibintu mumaguru masha nuko habaho umugambi wo gushiraho intwaro ibereye no kurwanya ibiturire maze abanyamitahe bakinjira mu gihugu hama amafranga mvamakungu akaboneka nkuko Faustin Ndikumana abishikiriza.

Mu gihe ibanki nkuru y’igihugu c’uburundi BRB yaraye yerekanye igipimo c’uko iduga ry’ibiciro mu burundi cifashe k’urugero rwa 18,2% muri myandagaro 2024,umuhinga muvyo ubutunzi akaba arongoye ishirahamwe Parcem Faustin Ndikumana avuga ko iri duga ry’ibiciro riteye ubwoba cane kandi amikoro y’abanyagihugu aka atahindutse.
Faustin Ndikumana atanga akarorero k’ibinyobwa vya Brarudi,inzoga z’ikirundi zisanzwe,ibifungurwa:umuceri,ivyamwa,ibikoresho vyo kubaka,amakarata yo guhamagara,ivyambarwa,ibikoresho vy’ishure,ibikoresho vy’imodoka biri kurugero ruteye ubwoba.ibi vyose mbere bikaba biriko bisubiza abantu inyuma mu buzima buto bari babayemwo narirya n’ubushomeri nabwo buzura inzara mu gihugu.
Muri Parcem babonako igituma hibonekeza iryo duga ry’ibiciro ari kubera amafranga mvamakungu mu burundi ari ikibazo kidasanzwe kuko n’ibidandazwa nka 90% biva hanze biza kumafranga avuye muri marché noir,umwimbu uboneka ni muto ugereranije n’abanyagihugu uko bangana,ibiciro vyo kwiyunguruza navyo vyaraduze kubera igitoro ca mu bwoko bwa Mazout hatibagiwe ingingo zibuza ingendeshwa zimwe zimwe gushikana ibidandazwa mu gisagara hagati,politike ijanye n’ubutunzi bw’igihugu aho hibonekeza iduzwa ry’ama taxe,no kurihira ibidandazwa bivuye hanze navyo bikaba vyaradugijwe,amadeni igihugu kirimwo,ibiturire n’abajejwe intwaro bakora urudandazwa ibiheza bikabagora gufata ingingo.
Faustin Ndikumana arangiza atanga umuti kuvyokorwa kugira ibi bibazo vyose bikemuke vuba.”nuko hobaho umugambi wo gushiraho no gukomeza intwaro ibereye mu burundi no kurwanya igiturire bimwe biboneka kugira haboneke abanyamitahe bavuye hanze binjira mu Burundi maze amafranga y’agaciro yinjire mu gihugu.





Recent Comments