Uwurongoye Ikinyamakuru LANOVA Burundi candikira ku buhinga ngurukanabumenyi Pascal Ndayisenga ari mu kinyegero guhera kuri uyu wa mbere w’iy’indwi turiko tusozera inyuma yaho aterewe ubwoba na Musitanteri wa Komine Kiremba Sebigo Pascal ku makuru yari yaciye kw’ico kinyamakuru yemeza ko ivyo umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yashikirije bijanye n’amakosa yagirizwa musitanteri wa komine Kiremba ari ibihuha. Ayo makuru munyuma akaba yaciye abeshuzwa nkuko umwuga wo kumenyesha amakuru ubitegekanya.
Inyuma yaho ico kinyamakuru gitangarije iyo nkuru ku rubuga rwa Twitter, Pascal Ndayisenga arongoye LANOVA Burundi yaciye atangura guhamagarwa buri kanya na musitanteri wa komine Kiremba, Sebigo Pascal . Ayo makuru akaba yagira ati :«I Kiremba ca Ngozi haraye hasubijwe amazu ya koperative Akanovera». Sebigo Pascal ,musitanteri wa komine Kiremba ati :«ivyo umukuru w’igihugu Neva yashikirije ni ibihuha».
Hadaciye n’akanya, Ikinyamakuru LANOVA Burundi caciye gitegekwa kubeshuza iyo nkuru kiraheza candika giti :«Musitanteri wa komine Kiremba ntiyavuze ko umukuru w’igihugu Yavuze ibihuha ariko yavuze ko muri komine Kiremba hari ibihuha vyinshi bijanye n’ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ,Turasavye imbabazi kuho twakosheje»
Mu gatondo ko kuwa mbere igenekerezo rya 18 Mukakaro 2022 niho Pascal Ndayisenga yaronka terefone nyishi za musitanteri Sebigo amusaba ko bohurira mu kigo CNC kijejwe kugenzura ukwo ibinyamakuru bikora. Mukanya gato Sebigo aca arahindura imvugo ko nyabuna bohurira muri zone Kamenge aho bita kuri Gare du Nord, nikwo Ndayisenga gutangura gukebwa ko agire nyabuna agirirwe nabi nikwo guca anyegera gushika n’iy’isaha.
Ubu uwo arongoye ico kinyamakuru akaba yoba ariko ahirwa yagirizwa ibintu bitatu: Gutuka umukuru w’igihugu, ikindi ngo nuko yakoze amatohoza kuvyo musitanteri wa komine Kiremba adashoboye mu mabanga yiwe. Ica gatatu yagirizwa nuko yamenye ko uwahora arongoye inama mpanuzwajambo ya komine Kiremba Jérémie Nshimirimana atatanze imihoho kuko abishatse ko ahubwo yategetswe gutanga imihoho abanje gukubitwa kubera ko yariko ashira ahabona ubunyonyezi bwariko bukorwa na musitanteri Sebigo Pascal .
Recent Comments