Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS,riragabisha isi yose kumera amagabo kubera umugera mushasha w’indwara ukomoka mu bikoko vy’ubwoko bw’inkende. Uwo mugera ukaba uriko urakwiragira mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi aho abantu barenga 15000 bamaze kuwandura. Uwo mugera kandi gushika ubu ubarizwa mu bihugu birenga 70 .
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 23 Mukakaro 2022,Tedros Adhanom Ghebreyesus umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS avuga ko yahisemwo gukangura isi mukugabisha ibihugu vyose kubijanye n’iyo ndwara nshasha yateye mu nkende. Uyo muyobozi iyo ndwara bise «Variole du singe» canke «MonkeyPox» kugeza ubu imaze kwigaragaza mu bihugu bigera kuri 74. Iruhande y’ivyo, Naho yatanguye ifata inkende, uyu musi abantu bagera 17000 nibo bamaze kuyandura nkuko bishikirizwa na OMS. Vyongeye, iryo shirahamwe rivuga ko amakenga yuko iyo ndwara ishobora kubandanya irandagata ari menshi ari naco gituma ihamagarira ibihugu vyose kumera magabo no kuzitira bitaronerwa.
Nayo kubwa Mike Ryan arongoye igisata c’ubutabazi bwihuse muri OMS, avuga ko ari nk’akamo ko gukangurira isi yose gukorera hamwe no gutangura kuja ku kivi hakiri kare .
Kuva rero iyo ndwara igaragaye muri Rusama uy’umwaka wa 2022, Ikigaragara nuko nayone igenda irandagata ku murindi munini ugereranije nuko yatanguye. Iyo ndwara ikandurwa biciye mugukoranako n’umuntu ayirwaye canke muhejeje gukora amabanga mpuzabitsina. Naho OMS itarerekana igihugu co muri Afrika kimaze gutorwamwo iyo ndwara, Abahinga muvy’amagara y’abantu bo bavuga ko muri Afrika iyo ndwara ishobora kurandagata biturutse kuruja nuruza rw’abantu muri Afrika yo hagati hamwe n’iy’uburengero .
Recent Comments