UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

PARENA isaba Perezida Ndayishimiye ko amafaranga yatojwe mu Cankuzo kugira aterere mu gikorane yosubizwa abayatanze.

Umugambwe w’imbogora Burundi PARENA usaba Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ko amafaranga yatojwe mu ntara ya Cankuzo kugira aterere mu gikorane c’amasengesho catunganijwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu yosubizwa abayatanze.

Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo RSF BONESHA FM , Zenon Nimubona asigura ko hariho ugusukiranya imico yak era hamwe n’iyubu kuko ku ntwaro ya cami ata mahera yategekanywa yo kuzimana canke kwakira umutware aho aroye vyose ngo vyakorwa n’abanyagihugu. Ariko ngo ku ntwaro ihari ubu, vyose bitegekanywa mu mahera Leta ikoresha maze akabona ko ariyo nayo ngendo nziza kuko vyose biba ku mugaragaro.

Mu ndwi iheze buca hatangura igikorane co gushimira Imana categuwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu, Buramatari w’intara ya Cankuzo Boniface Banyiyezako yarandikiye abarongoye ubuzi bwa Leta muri iyo ntara abasaba intererano y’amafaranga ategura ico gikorane. Ivyo bamwe na bandi babona ko ari ugucinyiza abo bakozi ba Leta bakorera muri iyo ntara ndetse no gushaka kubasahura utwabo kuko bitumvikana mu gihe ibiro vy’umukuru w’igihugu bitegekanya buri mwaka imiriyoni 300 zo gutunganya ibikorane vyo gushimira Imana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments